English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Baradushavuriye ngo twanyegeje abatutsi. Bavuga ngo turi abahemu, dukwiriye kwicwa, baradusamburiye amazu, baratwima udukwi two gucana, natwe tuti: 'nta ngorane, turaja gusenya inkwi mwishamba.'"
Ndarugirire Pamfilo na Ndayishikaniye Yohani Maria (Ibikurikira.)

Ikibazo: Ni igiki catumye abahutu n'abatutsi bazirana?
Pamfilo: Bavuga ngo ni hagati ya 1965 na 1993, aho abahutu bamwe bicwa. Muri 1993, rero abo biciye umukuru w'igihugu Melkiori Ndadaye, barashavuye gose, ngo abatutsi babiciye Ndadaye wabo.kubera ivyo, ibintu bica biracika, abahutu bagomba kwihora, ni ukuvuga kwica abatutsi. Baricana, naho wasanga turi abagenzi, ababanyi, twasangira akabisi n'agahiye.

Ikibazo: Wibaza yuko imbere yuko Ndadaye bamwica abahutu n'abatutsi bankana?
Pamfilo: Nibaza yuko naho boba barankana ibintu bitari bwunyuke nko muri 1993.kuva mu matora y'umukuru wigihugu, yashize ndadaye ku butegetsi, abantu bari bashushe umengo babadometse. Abantu rero batangura guhinduka. Ariko imbere yaho, naho abantu bari bazi ivyabaye muri kahise k'igihugu, ntibazirana nko muri 1993.

Ikibazo: Umaze gukiza abo bahutu, ntiwagize ingorane usubiye mu batutsi biwanyu?
Yohani Maria: No mu batutsi hariho abagize nkanje barakiza abahutu. Hariho rero abatutsi babikunze, nabandi batabishimye. Ariko ntanumwe yigeze anyita umuhemu, kubera nababwira yuko iyi ngwano izoruhira guhera tugasubiza hamwe, tukabana. Babonye yuko ivyo nakoze vyashimwe. Urabona yuko nabariko bagwanira ubutegetsi ico gihe, ubu bicaranye ku ngoma. Umukuru w'igihugu ari hano, icegera ciwe kikaba hariya. Abarundi bose ni bamwe. Basangiye itunga, imico kama, igihugu kimwe.no mu mitwe yacu, twarabona yuko naho turiko turwana, tuzoruhira gusubiza hamwe.

Ikibazo: nta ngorane na ntonya wagize mu biwanyu, umaze gukiza abo mudasangiye ubwoko?
Pamfilo: abahutu bamwe barakunze ukuntu nakijije abatutsi kuko babonye yuko ata nyungu irimwo mu kwicana.

Hari nabandi batanezerewe na gatonya, kuko babona ivyashikiye umukuru w'igihugu, i Bujumbura. Abari bafise imitima mibi ntibanezerewe, baradushavuriye ngo twanyegeje abatutsi.bavuga ngo turi abahemu, dukwiriye kwicwa, baradusamburiye amazu, baratwima udukwi two gucana, natwe tuti: "nta ngorane, turaja gusenya inkwi mwishamba."

Ariko ntangorane, Imana ni nkuru. Tworonka amahoro, twokwibagira ivyabaye, tugasubira hamwe.

Ikibazo: NI kuki witanze mu gukiza abatutsi?
Pamfilo: kuko urabona abo batutsi harimwo abo twakuranye. Ba sokuru babo barabana na basokuru bacu. Abo batutsi baje barondera amatongo, baca barahaguma.ikindi naco ni uko abenshi mu bana bacu babakobwa usanga barongowe mu batutsi. Abagore bacu harimwo abatutsikazi. Twabona ko turi bamwe.imberer yaho mu 1993, twasangira umubindi w'inzoga.

Ikibazo: Warabuze abantu benshi mu rwimo?
Yohani Maria: Narabuze abagenzi benshi n'incutimu gihe c'amagume. Harimwo nabantu 6 bo mu muryango iwanje. Twaragiye no kwitwarira ababikoze, ubu barapfunzwe.
 



© Burundi Voices Project, 2006.