English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
Ndarugirire Pamfilo na Ndayishikaniye Yohani Maria (Ibikurikira.)

Haheze akanya, ba bicanyi baragaruka. Baratubaza bati: "Ba batutsi mwanyegeza barihe?m Mutegerezwa kubazana."

Turarahira duti: “ntituzi aho bari ni ukuri!" Barabandanya badutera ubwoba, duca turahuinga tuja i Murayi. Turahaguma amezi abiri. Niho twumva ko hasigaye hari musitanteri mushasha, tubona guhunguka. Haheze imisi mikeyi, ba bicanyi baca baragaruka, ubu naho bari bitwaje inkoho. Kuri bo, twari abahemu kuko twanyegeje abatutsi, baca bagomba kutwica ngo tubizire.baca batangura kurasa, ubwoba buratwica,turiruka duhungira mu rugo kwa Ndarishikaniye, hariya ku musozi wa Gashingwa,hafi y’i Buziracanda.

Ndarishikaniye, nawe ni umututsi ,yaratangaye cane abonye umuhutu aje ahunga abandi bahutu bene wabo. Arambwira ati: "ndazi ko wakijije abahutu benshi mu micungararo y’iwawe. Ni uze mu nzu iwanje,turagumana”. Tubona gutekana.

Yohani Maria: Ku musi ugira kabiri, mu masasita z’ijoro, hari itariki 21 za Gitugutu, muri 1993, Niho nabona akagwi k’abahutu baza begereza imihana yacu,bari bafise imiheto n’amacumu. Bari baje bava mu bice vya Muramvya.baratwegeranya batubwira ngo ni tuje mu bikorwa rusangi. Ndibaza nti: ”ibikorwa rusangi, ku musi wa kane, ivyo bigenda gute?” Baca rero, baduha amategeko, ngo ni tugende twicire ibiti mu mabarabara makuru makuru. Hari aho wasanga dukoresheje ibibuye binini binini, mu kibanza c’ibiti, turugariza ibarabara riva I Mwaro.

Mu nyuma batubwira ngo dutahe imuhira. Abo bahutu baramperekeza no gushika iwanje, barinjira ku nguvu, bambwira ngo: "turaje gutora inkoho wanyegeje hano."

Ndatangara nti, ”Hmmm, ko ntari umusoda, nta n’umuhungu mfise w’umusoda, notunga ikirwanisho bigenze gute?”

Bararondera ahantu hose, barahebura ikintu na kimwe, niho rero, baca batujana twe na mwene wacu, kwa data ariwe Ndayirukiye Polinari. Barasaka mu nzu iwe hose, barondera inkoho zoba zinyegejweyo, ariko ntanakimwe batoyeyo.”
 



© Burundi Voices Project, 2006.