English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 



Komine Rutegama, mu Buraruko bw'igihugu
Umusi watanguye nabi, ibintu ntivyatworohera.

Ubuhinga bwo guhamagarana bwa Telecel ntibwakora mu Rutegama. Mtitwashobora kuvugana, yaba Gladys umusobanuzi wacu, yaba Celestino umudereva agira kabiri, ntitwashobora guhamagarana kandi aribo bari bazi aho abantu tubakura.Ttugenda mu muhana umwe dusanga Gladys nawe ariko araturondera n'abagenzi biwe, Celestino nawe nyene uko, yagiye kuturondera kwihoteli, turaburana. Muri nya mwanya, abavuzi b'ingoma baza bavuye i Bujumbura, bari bagenekerejwe nabi aho duhurira. Twe na Tharcisse duca dufata akayira ngo turabe ko twobona imodoka ya bus irimwo abavuzi b'ingoma kw'ibarabara rikuru.

Mu nzira duca iruhande y'icibutso co mu Kibimba, aho abanyeshure babatutsi bagandaguriwe baraturirwa. Hari igenekerezo rya 21 Gitugutu, umwaka wa 1993, aho umukuru w'igihugu ndadaye Melchior agandaguriwe, abatutsi bagera ku 70 babanyeshure kwishure ry'isumbuye ryo mu Kibimba, bafashwe, bazira ko arabatutsi, baturirwa babona.uwari arongoye iryo shure, Niyonkenguruka Firmato, ari nawe yakoze ubwo bwicanyi, yahavuye ahanwa, yicwa ku mugaragaro. [106] Ivyo bica bitwibutsa, imyaka 21 imbere yaho, igihe abasoda bagenda mu mashure, kuraba igitigiri c'abahutu bariyo, kugira babice. [107]

Ni ho rero twagenda mu Rutegama, ikomine ikikujwe n'imisozi myinshi. Ndarugirire Pamfilo ni umwe mu nkingi zatwakiriye. Kubera twari twacerewe, abanyagishora baca baratabgura kuvuza ingoma. Bakivuza tuza tubona, umusoda aje kutubwira ngo ni duhagarike ubwo nyene.
 



© Burundi Voices Project, 2006.