English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Murabona mwebwe vyukuri muranzi, nanje kandi ndabazi. Akira aya mafaranga muje gusorora agacupa. Uyu muntu muntabare mumumpe."
Ancilla na Bazirinyakamwe Rogasiano (Ibikurikira.)

Gushika aho avuga ati: "ehe twumvikane, kirazira uyu muntu ntimumwice, ndamuzi, nta mututsi numwe yishe, habe namba, kanatsinda turazinanye." Gushika aho abawira ati "murabona mwebwe vyukuri muranzi, nanje kandi ndabazi. Akira aya mafaranga muje gusorora agacupa. Uyu muntu muntabare mumumpe." Vyukuri, yaguma abatakambira. Ico gihe rero ntanubwenge nari mfise, yarantoye, aranjana. Nagumye mu rupangu, iwe hariho n'urubanza. Nca nguma aho kuko mu mabarabara nta mutekano wariho.

Ndamushimira cane, uyu ntiyiyumviriye ngo urya ni umuhutu, nkuko yabivuze ko nabiwabo babishe, ivyo ntiyavyiyumviriye, yagize umutima wa kivyeyi, wo gukunda abantu.iyo ahirahira akavuga yuko atanzi, nari guca mpfa.

Mu vyukuri, naranezerewe, gushika kwizuba ry'uno musi. Imana niyo izomushimira bikwiye. Nubu ni incuti, ni umuryango, nubu mpora mva i Muhuta, nkaza kubagendera, ivyo bakeneye barantuma, nkabizana, ubu nta bwoba. Kuvyukuri ndashima cane, eka n'abandi bazobe uburorero, kuvyukuri bazogire, umutima w'impuhwe, n'uwurukundo. Igihe cose ndamubonye, ndanezererwa. Aho yambwira ngo tuze mu birori vy'inkingi, naciye mpeba udukorwa twanje twose, ndaza, kugira tubonane.

Ancilla: Ubu rero aho ngereye ndi umuntu anezerewe cane kubona turikumwe, kandi kuva ico gihe, twaciye tuguma turi incuti, arangendera, ico ntashoboye kuronka ino arakinzanira, nubu aba hariya, muri komine Muhuta. Hariya imbo, yaravuze yuko ariho kubera jewe, kandi abantu ba hariya niyo ngiyeyo bampa icubahiro kinkwiriye.

Ikibazo: Wewe none icatumye umukiza mu gihe nawe wari gushobora kuhasiga agatwe ni igiki?
Ancilla: Ikintu cantumye ndamukiza, ni uko nabona yuko bagira bamuhore ubusa. Bavuga yuko ari we yishe abatutsi ariko ntivyari vyo. Jewe namukiza kuko ari umuntu nkanje, nagira nti icompa uwu muntu nkamurokora yompesha icubahiro.

Ikibazo: Umaze kumukiza, harya mu babanyi musangiye ubwoko ntibakubonayuko uri igihemu?
Ancilla: Maze kumukiza, harya mu babanyi banje, cane cane abakiri bato, ntaco vyambarira. Muri jewe umutima wuko nkiza uyu muntu. Ntibigeze banyinuba, ariko naho boba barabigize, ntibubahuka kubimbwira.
 



© Burundi Voices Project, 2006.