English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 

 
Ancilla
 
"Baca bambwira ngo n'icare hasi, bamfatiyeko igisu kw'izosi. Baca bararyoherwa bavuga y'uko bafashe 'iboro' nikuvuga umuntu badasangiye ubwoko."
Ancilla na Bazirinyakamwe Rogasiano
Ancilla yakijije Rogasiano mu gihe c'urwimo. Ancilla yarakejwe mu birori vyabereye mu Kinama muri Ndamukiza 2006, aho twaganira.

Ancilla: Mu gihe c'urwimo naba ku Musaga.

Abo mumuryango wanje bose baba muri Bujumbura Rurale barishwe n'abahutu. Baba abana, canke abakenyezi bibungeze bose baricwa. Ndibuka ko uwo munsi twari dufise urubanza rwo guca ku mazi kuri muramu wanje yari yapfuye. Mubantu baza kudusuhuza harimwo n'abahutu.

Rogasiano: Narinje ku Musaga kubaramutsa, aba kubera bari incuti bari umuryango. Maze nza ntazi ibiba. Maze nshika mu kagwi k'abajeunes babwira ngo mpagarare. Ndahagarara. Baribafise imbugita, buzuyeko amaraso. Baca bambwira ngo n'icare hasi, bamfatiyeko igisu kw'izosi. Baca bararyoherwa bavuga y'uko bafashe "iboro" ni kuvuga umuntu badasangiye ubwoko. Nca ntangura kujugumira ndata umutwe, ubwenge burahita. Nce ntangura kwibaza ingene ndabigenza; kuko nari ngeze hafi y'aho Ancilla yaba. Mbona umwana wiwe umwe nce ndamuhamagara, nce ndamutuma ngo agende kuntabariza muhira iwe. Aha rero bari bamaze kumfata ngira mererwe nabi cane rwose namaze kubona yuko napfuye. Uwo mwana aca agenda yirukanga kubibwira mama wiwe.

Ancilla: Umwana aje kumbarira ati" hari umuntu hariya ariko avuga ko aza iwanyu kandi bagomba kumwica." Nca mva hasi ngenda ndiruka, ngenda mfise amafaranga, nca ndamubona, nti "gute?", ati nari nje hariya iwanyu none raba bamfashe. Nca ndafata barya bajeunes ndabaganirirza, ico gihe jewe nari umwigisha baranyubaha kuko benshi muri bo nari narabigishije, bari bamfitiye icubahiro. Mugabo, harimwo n'abandi ntigishije, bakomeye cane, muri ubwo bwicanyi, urumva ntivyanyorohera kubajijura. Nca ndavuga nti, "uyu muntu ndamuzi, nta kibi ariko, ni mumureke ahubwo yigire!" Bati "ntitwihende ngo tumureke, dupfume tumwica apfe, hako twihekura."

Rogasiano: Iyaba umuntu atagira amafranga ngo abahe, baba baranyishe. Yababwiye ati "uyo muntu ni uwiwacu, nta kintu na kimwe yakoze ni umwe muri twebwe, kandi aje kuturamutsa, aho kumwica, tangura mwice jewe. "Ziraba ingorane gose, indugumba irabira, nta mucezo wariho rero.kugera aho bavuga bati "wanse, nawe nico kimwe turakwica."
 



© Burundi Voices Project, 2006.