English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Icoduha twebwe dusigaye, tugasubira tugasubiza hamwe, tukabana kuva nka kera, tukabana neza, nkuko ba sogokuru bacu babana. Ntibiriwe baracaguranamwo amoko."
Ancilla na Bazirinyakamwe Rogasiano (Ibikurikira.)

Ikibazo: Ni kuki ata bantu benshi bitanze nkuko kwawe, ngo bakize abandi?
Ancilla: Jewe nabigize kubera mfise uwo mutima, ariko iyo niyumvira ibintu baba baragize, nka jewe nk'akarorero, umuryango wanje wose, barabishe, baba aho muri Bujumbura Rurale. Barabishe boose, n'umwana yari mu nda baramwica. Mugabo rero ivyo nitvyanca inkokora, nagize nti icoduha twebwe dusigaye, tugasubira tugasubiza hamwe, tukabana kuva nka kera, tukabana neza, nkuko ba sogokuru bacu babana. Ntibiriwe baracaguranamwo amoko. Ku mukiza rero vyari ngombga, kandi namufasha kuko yari kiremwa muntu nkanje.

Ikibazo: Urabona yuko mu Burundi ubwicanyi bwabaye ndanse, none wibaza ko ari kubera iki hatabaye abantu benshi bagize umutima nk'uwa ancila kugira ngo ntihabe abantu benshi bahagwa?
Rogasiano: Muri iki gihugu iyo haba abantu benshi baja bararaba ukuntu bafasha abandi, n'abantu ntibari gupfa. Iyo havamwo abantu bakora nka Ancila abantu n'ibintu mu gihugu ntibiba vyaratikiye. Habaye abantu benshi batahaye agaciro ubuzima bw'umuntu. Hari n'abandibabonye agaciro k'umuntu hama ntibabica.hari nabandi rero, babona yuko abo badasangiye ubwoko ari nk'ibikoko.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.