English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ingwano iturutse ku moko mu Burundi
 
"Mu gihe c'urwimo, hari abahutu bishe abatutsi babahora ubwoko bwabo ata kindi, n'abatutsi bishe abahutu babahora gusa yuko ari abahutu." Ubutwari bw'ico gihe
Kubwimana Izaake yabwiye twe na Maziari yuko twihenda kuvyerekeye ingwano iturutse ku moko. Izaake ni umuhutu aturuka muri komine Kinama, aho ni mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura. Se wiwe, abo bivukana, nizindi ncuti zishika zine, bose bishwe n'abasirikare b'abatutsi, niyindi mirwi yabacivile b'abicanyi, mu rwimo rwo muri 1993. Imyaka itatu iheze, ariyemeza gukiza abatutsi. Abenshi mu bantu bakijije abandi abahutu usanga bakijije abatutsi. Mutabiravye neza, mushobora kwibaza yuko abahutu bonyene aribo bishe abatutsi. Mu gihe c'urwimo, hari abahutu bishe abatutsi babahora ubwoko bwabo ata kindi, n'abatutsi bishe abahutu babahora gusa yuko ari abahutu. [1]

Ku banyamahanga benshi, amajambo "abahutu", "abatutsi", usanga kenshi abibutsa ihonyabwoko ry'abanyarwanda ryo muri Ndamukiza 1994, aho abatutsi bagera ku 800.000, Hamwe n'abahutu bahengamiye ku batutsi, bahasize ubuzima, bazira ubwoko nyene. Ariko rero, kuraba ivyabaye mu burundi no mu rwanda ukabitandukanya, canke kwagiriza ubwoko bumwe, ukareka ubundi, koba ari akarenganyo. Nkuko Yohani Pottier abitwibutsa, "ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda (ku batutsi) rijanye n'ihonyabwoko ryabaye mu Burundi, muri 1972 (ku bahutu), bisa n'ivyagarutse mw'ihonyabwoko ryo mu 1993." [2] Kubera ivyo, nkuko ibikurikira muri kino gice bivyerekana, ubwicanyi hagati y'abahutu n'abatutsi bwatanguye kuva kare, kandi burangwa n'ubukozi bw'ikibi ntangere, ubugumutsi bwabagizi ba nabi, abicanyi bitwaje ibirwanisho, hamwe n'ukwihorana.

Ikintu gihambaye muri vyose, ubiravye neza muri kahise k'igihugu, ku bijanye n'urwimo, ubutwari bwaranze inkingi z'ubuntu ntaco bwogereranywa.
 



© Burundi Voices Project, 2006.