English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 


"Ndabwira abo bahungu ko ntabatinya naho bafise ibirwanisho. Ndababwira ngo batureke, bararahira ngo abo bashitsi babwirizwa kwicwa."

Kubwimana Izaake
Izaake yakijije abantu benshi mu gihe c'urwimo. Yarakejwe mu birori vyabereye mu Ruziba, muri Ndamukiza umwaka wa 2006, igihe atuganirira ingene vyagenze.

Mba muri komine Kinama, mu gisagara ca Bujumbura.mu gihe c'urwimo, hari abantu bishe abo badasangiye ubwoko. Sinigeze nipfuza kuja muri bo. Kuko bitari muri jewe, aho nabona abahutu bica abatutsti, canke abatutsi bakica abahutu vyarambabaza, ibintu vyabo bisahurwa bikononwa, je bikambabaza.

Twari dufise Incuti, n'abagenzi tudasangiye ubwoko. Naho hari mu magume, mu mwaka wa 1996, abo bantu babagenzi baripfuza kuza kutugendera. Baraza batazanywe n'amabi, ariko bafise umutima w'urukundo.baje kutugendera, turabakira, kandi bagashika mu rugo. Niho rero twaza tubona umurwi w'abantu bane baje bitwaje ibirwanisho. Baraza ngo dukeneye abo bantu bari ngaha. Natwe turavuga tuti: "mubakenereye iki?" Ngo ni uko ari abo tudasangiye ubwoko, ngo kandi baje mw'iperereza, bagomba kuzoheva batugirira nabi. Ndavuga nti: "abo bantu ntimushobora kubagirira nabi ngo ni uko ari ubwoko bunyuranye n'ubwiwanyu, nti bariho kugira babeho, si abo kugirira nabi. Baravuga bati: "twebwe dutegerezwa kubagirira nabi, bari muba tugiriye nabi natwe." Ndavuga nti nubwo vyifashe gurtyo jewe sinshobora kubatinya ngo ni uko mufise ivyo birwanisho, aba bantu kugira baze hameze uko, ni uko badufiseko umutima w'urukundo. Hamwe bogira ingorane, baje kuturaba, imiryango yabo ntitwoyikira, kandi natwe twoheva tumererwa nabi.

Bari baje bifutse mu maso, bariko baravuga ndumva imvugo yabo, bavuga ikirimiro, bavuga nk'abanyagitega. Hanyuma ndababwira nti "mwebwe nubwo mwaje ngaha, ntimuri abino. Numva amajwi yanyu muvuga nkabanyagitega. None mwebwe mwaje gute?" Ngo "twebwe twabimeneye" ndababwira nti, "mwebwe kugira muze ngaha, ni ababanyi boba babibabwiye, kuko mwebwe ni ubwambere mushika ngaha, ivyo arivyo vyose, ababatumye, ntibabashakira ineza, kandi nimwagenda nitwe tuza kugira ingaruka mbi."
 



© Burundi Voices Project, 2006.