English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 






Komine Ruziba, mu gisagara ca Bujumbura
Urugendo ruheva ruratangura.ikirere casa neza, vyaraboneka ko haza kwaka akazuba.

In the morning, after joining the drummers in Buyenzi, we headed to the Commune of Ruziba, a neighbourhood in the south of Bujumbura. Mu gitondo, tuja gutora abavuzi b'ingoma, duca dufata inzira no muri komine Ruziba, irir mu bumanuko bwo mu gisagara ca Bujumbura.ukwiyereka twateguye ko kuba ugusanzwe, kutabuza abantu gukora imirimo yabo. Twari twateguje inkingi ngo duhurire hamwe, ku kibuga. Abavuzi bingoma bagaca bashirako umurisho, haheze iminota 30, bagaca badukinira agakino kerekana uwiciwe abiwe, uwishe, n'uwabaye inkingi. Mu gucishamwo, naho, inkingi imwe imwe, ikaza iratwiganira ingene vyagenze, n'abarorerezi bakumviraho.

Mu Ruziba, abashitsi bacu bari ku kibuga c'ishure ryisumbuye. Harimwo inkingi nka Nizigama Yuvenali, Nyambere Petero na Kubwimana Izaake. Uwari ahagararanye na Petero ni Ciza Patrice, umuntu yakijije.

Izaake, hamwe n'izindi nkingi twahavuye duhura mu misi ikurikira, bari bambaye amashati y'umuhondo, bahawe igihe c'umusi mukuru wo gukeza inkingi uheruka. Kuri benshi muri bo, ako niko gahembo konyene bashoboye kuronka kubutwari bagaragaje.
 



© Burundi Voices Project, 2006.