English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 

 
Isanamu rikuru: Nyambere Petero
Udusanamu duto: Nyambere Petero na Ciza Patrice
 
"Hari igihe c, isaha 4 zo ku mugoroba, aho baza. Baza bava ku Mubone. Impuzu zabo zari zicafuye. Zari zuzuyeko amaraso y段ntungwa zacu bari banigagauye".
Nyambere Petero na Ciza Patrice
Petero yakijije Patrice mu gihe c置rwimo. Yarakejwe mu birori vyabereye mu Ruziba, mu kwezi kwa Ndamukiza mu mwaka wa 2006, ninaho yadushingiye ino ntahe.

Patrice: Navukiye i Gakungwe, ku rundi ruhande rwuruzi Magere.

Mu mwaka wa 1993, igihe president Melchiori Ndadaye agandaguriwe, abahutu baciye batangura kwiba no kwica ibitungwa vyacu. Ibintu bikaguma biyangara. Igihe kirashika, batangura kudutera mu mihana; batanguye igihe c段saha 7: 30, zo mu gitondo, gushika aho abasirikare baza igihe c段saha 10 zo mu gitondo. Abasoda baza bavamu Kabezi, bararasa bica abantu bane.

Abanyagihugu bose bo muri iyo micungararo, baba abahutu canke abatutsi, barahunga abasoda. Ariko mu nyuma, kuko ata na kimwe twari twahunganye, duca tubona ko vyiza twosubira inyuma. Duca turagenda ariko sinamenya ko abo twari kumwe batoye ibintu. Baca bansiga jenyene, bagenda kwipositio yo mu Ruziba ngo abasirikare babacungere umutekano.

Naragumye i muhira igihe kitari gito, umurango ukurikira, mu masaha ya sakumi y段joro, akagwi k誕bicanyi babahutu baraza, bari bavuye ku Mubone, impuzu zabo zari zisa nabi, zuzuyeko amaraso ya za ntungwa zacu bari banigaguye; niho rero baza kumfata ngo banyice, nca ntungwa nayo nameze, ndiruka. Banyoma inyuma, barankurikira, njabuka imirima y段bitoke, hirya ya Mugere, ndajabuka gushika mu Ruziba. Nari gusa ata nibirato nambaye, kandi no hirya ya Mugere ntivyari vyoroshe kuhaguma uri umututsi. Sinovuga ko abahutu bose bagomvye kutwica, ariko abatari bake barabikoze. Ndaheza nshikira ahantu Petero yari yicaye imbere y段nzu iwe.

Pierre: : Hari igihe c段saha cumi na zibiri n段gice zo ku mugoroba, aho nabona Patrice, ntagahuzu yari yambaye, ntanuturato, yari yambaye akabutura gusa.nari ndamuzi kubera nahora ndamubona kwibarabara rikuru; ndamuhamagara, nawe arahagarara arandaba, ndamubaza ivyo arivyo, nawe ati, "hariho abantu bariko barankurikira ngo banyice".

"Ko mbona usa nabi, mbwira neza ivyo arivyo!" Ndiko ndamubaza.
 



© Burundi Voices Project, 2006.