English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
“Nari nzi yuko abandi bahutu nibamenya ko turi kumwe, baca batujaniranya. Nca mvyuka mu gitondo ca kare mu gihe c’isaha 11 zo mu gitondo. Nca ndamushira kw’ikinga ryanje, ndamujana gushika kwibarabara rikuru”.
Nyambere Petero na Ciza Patrice (Ibikurikira.)

“Baraje i Gakungwe, baratwiba inka n’impene, baranabomora inzu zacu”. Nca ndemeranya nawe ko bigoye gushikira i position y’abasirikare ngo bamutabare, aho abandi bari bahungiye.”

Patrice: Petero ambwira ngo nyaruke ninjire mu nzu iwe. Nubu ndacamushimira, kuko yaciye anyegeza mu nzu iwe, musi y’igitanda.

Petero: Nca mpa Patrice agashati ko kwambara, nanje nja hanze kuraba ko ba bicanyi bagiye. Nderaguza hose nsanga ntabahari. Haheze nk’iminota 15, nca ndabona ko atanumwe akimukurikirana. Ariko rero, buriko burira mu gihe c’isaha imwe zo ku mugoroba, nza mbona abantu babiri bariko baregera urugo, bariko barongorerana ibintu ntumva.

Patrice: Imana irakinga, baca baragenda haheze akanya.

Petero: Nca ndagenda i muhira, “nti none urafise ubwoba bwo kuguma hano? Ndamubaza.

Patrice: Ari ugupfa napfuye, reka nshake nigumire hano.

Petero: Nca ndamuhumuriza yuko bugingo akiri hano, ataco ashobora kuba. Duca turagumana, turasangira, turara hamwe, munzu iwanje muri iryo joro nyene.

Muri ico gihe rero, ubwicanyi bwari bukaze, kuko aho umututsi abonetse baca bamwica. Ababanyi nabo nari mfise nabo nyene bari bafise ubwoba, bibaza yuko aho abo bicanyi bazira bagasanga nanyegeje umututsi, baca babica nabo.

Nanje nti “nta kundi dufise tugira”. Ko nemeye gufasha Patrice, ndemera ibiza gushika vyose, ndabihereza Imana.
 



© Burundi Voices Project, 2006.