English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Testimonies
 
“Igihe Melchiori Ndadaye yicwa mu mwaka wa 1993, vyashize umubabaro mu mitima y’abantu, barashavura, baca batangura kwicana”. Nyambere Petero na Ciza Patrice (Ibikurikira.)

Ikibazo: Ni kuki atabantu benshi nka Petero bemeye kwitanga ngo bakize abandi?
Patrice: Hariho abantu bari bafise agatima kakanyeshamba ko kwica. Ariko hari nabandi bari bafise umutima wo gufasha abandi. Nokumenyesha yuko gushika ubu hakiri abatutsi baba kurundi ruhande rwuruzi Mugere, ahantu hagwiriye abahutu.

Ikibazo: Woba uzi ivyatumye abahutu nabatutsi bazirana gushika aho bicana?
Petero: Uko ndavyumva ni ibintu vyaheeye kera. Kuva mvuka numva ngo harabaye ubwicanyi muri 1966, kandi abahutu benshi barapfuye. Mu 1972, abahutu nabatutsi bose barishwe.ivyo vyarateye buwoba imitima yabantu. Igihe president Melchiori Ndadaye yicwa mu mwaka wa 1993, vyashize umubabaro mu mitima yabantu, barashavura, baca batangura kwicana. Aho umuhutu yasanga umututsi yaca amwica. Umututsi uko nyene.

Interview by Maziar Bahari
Translated by Tatien Nkeshimana
Edited by David Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.