English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Muri nya mwanya barambwira bati, 'abicanyi ni baza bagasanga Patrice hano, ntiwibaza yuko tuzoheva tugira ingorane?' Ndabishura nti, 'Ntakundi dufise tugira, ko nemeye gufasha Patrice, ndemera ibiza gushika vyose, ndabihereza Imana.'"
Nyambere Petero na Ciza Patrice (Ibikurikira.)

Uko vyari bimeze kose, nabona yuko ntegerezwa kumukiza ubuzima, nkamuhungisha. Nari nzi ko abandi bahutu nibasanga turi kumwe, baca batujaniranya. Nca ndazinduka mu gitondo ca kare mu masaha ya 11 yo mu gitondo. Nca ndamushira kw’ikinga ryanje, ndamujana gushika kwibarabara rikuru. Muri ayo masaha ya kare mu gitondo nta bantu benshi baba bahari. Abantu benshi baragira ubwoba bwo kuja hanze mu gitondo ca kare, ariko nta kundi naremeye, ndahamujana, kuko nabona ko kugumana umututsi mu nzu ari ukwikwegera.

Ndanyonga ikinga, ndamujana gushika kwipozitio y’abasoda iri hafi, aca ahurirayo na bene wabo bari bahungiyeyo kuva kare. Baratangara bati: “twari tuzi yuko wapfuye!” Aca arababwira yuko yagize Imana arandonka. Nsiga Patrice aho kuri iyo pozitio, ariko ndamuhanura yuko vyiza yogenda i Bujumbura kubera yuko kuguma ruguru mu bahutu bidahumuriza.

Patrice: kuri iyo pozitio abantu barara hanze. Harihasa nabi, kandi hadatunganije neza. Incuti nazo twari kumwe bari bibaza yukoapfuye, kuko nari nasigaye mu Gikungwe. Ibintu ntivyari vyoroshe. Haheze imisi nkibiri itatu, abasoda baca baturungika mugisagara, kuko barabona yuko tugumye ngaho twoshobora kugwara. Nahavuye nipakiza mu muduga, ngenda mwikambi y’impunzi mu Kabezi. Muri make uko niko vyagenze.

Petero: Mu nyuma y’urwimo twarahuriye mu gisagara, kuva ubwo twagumye turi abagenzi.

Patrice: Ndashimira Petero cane, rimwe rimwe ndaza kumuramutsa mvuye mu Rumonge, aho ntuye. Yankuye habi gose.nari nashikiriye urupfu.urukundo rw’Imana nuwo muntu gusa nivyo vyankijije. Petero ni umuntu mwiza naravyiboneye.

Ikibazo: Ni kuki wemeye kwitanga ngo umukize?
Petero: Ndemera Imana, kandi sinshobora kwemera kwica umuntu ntaremye. Nemeye kumukiza kuko yanteye ikigongwe, no kubw’urukundo mfitiye Imana. Namukijije n’ibigirankana.
 



© Burundi Voices Project, 2006.