English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
"Mu gisagara ca Bujumbura, abantu baricwa canke bagatotezwa, na cane cane abahutu." Kubwimana Izaake (Ibikurikira.)

Abo bicanyi ntibagarutse bafise ibaruwa nabatumye. Ndababwira nti: "muraboona yuko abenshi mu bashitsi banje ari abagore n'abigeme, mushaka kubafata kunguvu gusa nta kindi." Nca ndabapfumbatisha amafaranga 6000, babona kumviraho. Bukeye bwaho nihuse guherekeza abo bashitsi iwabo muhira.

Muri ico gihe rero, bamwe mu babanyi banje bibaza ngo naretse ba batutsi ngo bicwe, kuko nanje abavyeyi banje ba n'abagenzi bishwe n'abatutsi. Ndababwira yuko abavyeyi banje bishwe n'abicanyi batishwe n'abatutsi. Bapfuye umusi wabo wageze." Ni kuki Imana yadukingiye kuri barya bicanyi bari baje kutwica?umuntu wese apfa iyo Imana yamuhamagaye." Ndababwira yuko Imana yafashije abashitsi banje inkoreyemwo, kandi yuko atanumwe ashobora kubagirira nabi.

Umusi mperekeza ba bashitsi iwabo, vyari bigoye gutembera mu gisagara. Igihe twururuka imodokari, akagwi k'abatutsi bafise inkoho barampagaritse. Bagomba kunyica, ariko ba batutsi nari mperekeje, baca barababuza.abo bicanyi nyene barabaza abo nari mperekeje, ngo "ni kuki mudashaka ko tumwica?" Barabinginga ngo ntibanyice, ngo ndi musazawabo. Kugira ngo babajijure ngo ntibanyice, baca barakura umuntu kwiterefone, umuntu yari azwi neza, kandi yomfasha. Nya muntu aca araza, haheze iminota mikenyi. Turaramukanya n'igishika, aho hari muri 1996, kubavyibuka neza, nta mutekano ukwiye wari mu gisagara ca Bujumbura.

Mu gisagara ca Bujumbura, abantu baricwa canke bagatotezwa, na cane cane abahutu. Ntanumwe yabakingira ubuzima. Kubinyerekeye, ntangorane nyinshi nagira mu gutembera, kuko hariho abo nari nakijije babatutsi. Naragenda mu gisagara hagati nka gatatu, canke kane, kandi ntawanrya urwara. Bamwe mbere bo muba "sans echec, sans defaite", bahavuye baba abagenzi banje. Baranamburira kubigomba bibe. Hari ubwicanyi ahanaka, barambwira nkahava hakibona.

Narishuwe ku ciza nakoze. Uko niko nashoboye gukiza abashitsi banje. Umwe muri bo yarapfuye, ariko abandi baracariho. Sinzi aho baba muri kino gihe, kubera wasanga ibintu biguma vyunyuka, wosanga barahunze nabo, ariko ico nzi co ni uko atawahasize ubuzima kirya gihe.
 



© Burundi Voices Project, 2006.