English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
Kubwimana Izaake (Ibikurikira.)

Nahavuye ngwanira agateka ka zina muntu. Ninjira mwishirahamwe "Nduwamahoro", rifasha abantu bihebuye, kandi babuze abantu mu rwimo. Natewe iteka ryo kuba umuhanuzi wabo. Natanguye gukorana n'urwaruka kuko nirwo rwari rugeramiwe, bamwe baheva barinjira igisirikare c'uburundi. Abandi baja mu migwi yitwaje ibigwanisho.hari nabigumiye uko kuko batagomba kuhasiga ubuzima mu kugwana. Bagumana ubwoba yuko baheva binjizwa muri iyo migwi kunguvu. Twarakoranye nkabaremesha.Turagira ibiganiro, urwaruka ruraheza ruja hamwe. Abakuze babonye ibikorwa bigirwa nurwo rwaruka ari vyiza, baraheva baradufata mu mugongo. Turagwanya ubwicanyi, akarenganyo, bano bose bigisha kudaharira n'amacakubiri.

Twarubatse aho dukorera mu Kanyosha, kurya gatanu.ni kunkengera yama kartier yari yacanyemwo mu magume kubera ubwoko. Abantu baba ku mpande zibiri zibarabara wasanga batumvikana. Nico gituma twashimye kuza gukorera hano kugira tugire nkikiraro, duhuze abatavuga rumwe, baba hirya no hino. Kubera rero umwumvikano wahavuye ugaruka, bivuye muri ivyo bikorwa vyo kunywanisha abatase, abahutu nabatutsi baheva babana neza. Twagiye hamwe, duca turasanura amazu yari yasambuwe mu rwimo.

Ikibazo: Muri nya gihe abandi barundi bariko baricana, weho ni kuki wahisemwo kubakiza?

Abahutu n'abatutsi bose ni ivyaremwe vy'Imana. Sindaba yuko uwu ari umuhutu, umututsi, canke umunyamahanga.

Iyo umuntu ariko akora ikibi aba ariko akoreshwa n'impwemu mbi za Satani. Nta muntu numwe ashobora kuziza uwundi ubusa. Umuntu arashobora kandi gukora ikibi uno musi, agakora iciza ejo.ashobora kwica umuntu uno musi, agakiza uwundi ejo. Hari umuntu umwe yambwiye yuko muri 1972, ababanyi biwe bishe abantu benshi bo mu muryango wiwe, ariko mu 1993 aho urwimo rutereye, arababurira ngo bahunge amaze kumva umugambi wo kubica.

Uruhushane narwo nyene rurabaho. Umuntu arashobora gukora iciza uno musi, ejo agakora ikibi. Abantu barahinduka. Ntidushobora guhebura umuntu ngo ntazopfa ahindutse. Ico dukwiye gukora gusa ni ukuraba yuko hari ubutungane kuri bose.
 



© Burundi Voices Project, 2006.