English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
"Ego, ni abatutsi, naje ndi umuhutu, ariko twese turi abantu kandi turi abarundi." Kubwimana Izaake (Ibikurikira.)

"Naho mwogerageza kwica zina mututsi wese, ntimuzigera mutsinda urugamba. Si abatutsi bateye intambara, ni akagwi k'abantu bake gusa. Abo bantu mugomba kwica, ni abagenzi banje n'incuti, naho mubona ari abatutsi. Ni iyihe nyungu muza gukura mu kubica?"

Turabandanya duharira, kugeza aho bantwara be nabo bashitsi banje. Bavuga ngo ni uko bimeze, bahawe amategeko n'umukomanda wabo yuko bategerezwa gukuraho abatutsi bose. Ndanka ndarahira. Ndihagararako, ndabesha yuko umukomanda wabo tuzinanye.ndababwira uko ataco bagende babwire umukomanda wabo yuko nanse gutanga abahitsi banje, ndababwira nti."ni aze abinyibwirire, canke yandike akabaruwa kemeza yuko ariwe agomba gutwara aba bashitsi banje. Kandi ndafise amakete yiwe yanyandikiye, ndaza kuraba ko umukono ari umwe." Barongera baravuga bashimitse ko batagenda batajanye abo batutsi babashitsi banje. Ndababwira yuko batabajana batanciye ku muvyimba.

Mu nyuma, ndateba ndemera yuko tujana nabo kwa komanda wabo. Baremera. Tumaze kugenda nk'imetero 200, bampa itegeko ngo ninsubire i muhira.baremera yuko baza kubwira komanda wabo ngo yandike akabaruwa canke yiyizire. Baturekura satatu zo mu gitondo. Barahagarika isaha umunani zo ku muhingamo, ndababwira ngo banyereke ka kabaruwa ka komanda wabo, bavuga ngo ntako baronse. Aho rero, baguma bavuga yuko bagomba gutwara abo bashitsi ngo n'akare ni abatutsi.

Ndemera nti: "ego, ni abatutsi, naje ndi umuhutu, ariko twese turi abantu kandi turi abarundi. Nta muntu numwe akwiye kwicwa azira ubwoko canke ivyiyumviro vyiwe. Naho umuntu yoba yakoze icaha, ubutungane bwonyene nibwo bukwiye kwihanira."

Bamwe muri abo bashitsi banje bari abagore, kandi harimwo n'abahutu. Bose ariko bari bafise ubwoba. Abahutukazi muri bo batangura kuvuga ngo bo nibabareke, ntibabajane kuko si abatutsi. Ndabahanura yuko batokwivangura bitwaje ivy'amoko. Ndababwira nti: "umuntu wese afise uburenganzira bwo kubaho." ndabaremesha yuko bokwihangana.
 



© Burundi Voices Project, 2006.