English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
Kubwimana Izaake (Ibikurikira.)

Ikibazo: Ni kuki none abahutu bagomba kwica abatutsi muri 1993?
Narakurikiranye neza ukuntu ibintu vyagiye bigenda, kuva aho imigambwe itanguriye kwiyamamaza mu matora yambere yabanyagihugu mu 1993. Abahutu bibaza yuko bazoshobora kwidegemvya mugihe c'intwaro yimigambwe myinshi. Babona yuko intwaro yahahora itaborohereza kuronka akazi, ingurane n'amazu meza. Ariko rero, abatutsi bamwe bamwe, bari bamenyereye intwaro ishingiye ku mugambe umwe, ntibagomba ko ibintu bihinduka. bibaza yuko boheva batakaza ubutunzi bwabo canke ukubaho neza.

Igihe urwimo rutanguriye, urwaruka rwinshi rwarishe rurongera rurasahura utwa barundi. Bamwe muri bo ntibumva neza ivyo bariko barakora, bapfa kubikora kubera nabandi ari uko, kuri bo kwica cari ikintu gisanzwe. Bakora ivyo imigambwe imwe imwe ibatumye kugira.

Ndibuka yuko nkiri umwana narakunda kumena amacupa.twe nabagenzi twarakunda kunmenagura amacupa dukoresheje amabuye. Sinovuga yuko twari twataye umurongo, ariko vyaraturyohera gusa kumenagura amacupa. Urumva rero nibaza yuko nabo mu bicanyi hari ababona yuko ari vyiza, ntavyo baba biteguriye gukora. Nico gituma nizera yuko bashobora guhinduka. Nkuko hari abo wasanga bashima kwiba, hari ababikora kubera baba bakenye.

Ariko rero, mu banyepolitike, hari ababikora kubera ubukozi bwikibi. Abahutu babanyepolitike wasanga bafise imyaka nka 30, nibo bashaka guhora abahutu bene wabo, bishwe muri 1972. Abanyepolitike babatutsi nabo, babona yuko bakwiriye kwica abahutu bose, nabarokotse muri 1972. Urumva rero hariho, abicana nibigirankana, n'abandi batumva neza ivyo barimwo. Abo batumva neza ivyo barimwo, bahavuye bihana, ivyo ndabizi.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.