English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ingwano iturutse ku moko mu Burundi
 


Abahutu n'abatwa bibaza yuko Abazungu [Abanyaburaya], Abaganwa, eka hamwe n'Abatutsi, bafadikanije mu kubatoteza.

Imbuto z'urwanko
Abaganwa, babandanije batwara igihugu, no mu gihe c'igikoloni, n'inyuma y'imyaka mike igihugu cikukiye, mu gihe, abahutu, n'abatutsi bariko bagira uko bashoboye ngo bafate ubutegetsi.Abahutu n'abatwa, kubera wasanga ku masoko imfungurwa zizimvye, baca bategekwa kurima gusumvya, bagatanga ikori rirengeje, babwirizwa kwitanga mu kwubaka amabarabara, no mu bindi bikorwa bisaba inguvu, vyatumye abahutu bagumuka ico gihe. Abahutu n'abatwa bibaza yuko Abazungu, [Abanyaburaya], Abaganwa, eka hamwe n'Abatutsi, bafadikanije mu kubatoteza.[8] Nkuko Kagari Rosa abivuga, abatwa bafadikanije n'abahutu mu kwica abatutsi muri iyi ngwano iheruka yo mu 1993.

Mu gihe Uburundi bwarondera ukwikukira, vyaragaragara yuko ababirigi batiyumvamwo umugambwe Uprona, nuwari awurongoye umuganwa Ludoviko Rwagasore. Yahavuye agandagurwa kwi hoteli Tanganyika, muri Gitugutu 1961, agandagurwa nabari mu mugambwe wundi w'abatutsi batavuga rumwe.hari abashakashatsi bamwe bavuga yuko ababirirgi bari bafise uruhara mw'igandagurwa rya Rwagasore. Urupfu rwa Rwagasore rwatumye ibintu vyunyuka ku mpande zibiri: Lemarchand avuga yuko Rwagasore yari ariko aragerageza gushira ubumwe hagati y'abahutu n'abatusti, apfuye bica bisubira inyuma, ikindi ni uko yari yizigiwe n'abarundi bose, ata gutandukanya ubwoko, yuko agira abazanire ukwikukira, abakure mu ntwaro ya gikoloni, ivyo rero bigatuma arabwa nkumuntu afise agaciro, gusumvya ingorane hagati y'abahutu n'abatutsi. [9]

Mu gihugu kibanyi, c'Urwanda, abahutu baragumutse, bariyamiriza abami b'abatutsi. Mu mwaka wa 1965, niho igice c'abatutsi b'abanyarwanda, bahungira ahantu hatandukanye, harimwo abagera ku 50.000, bahungiye mu Burundi. Umwe muri bo yishe Petero Ngendandumwe, umushikiranganji wa mbere w'uburundi w'umuhutu, bica birunyura ikibazo c'ubwoko. Ukuntu abami n'abaganwa, wasanga bashigikira abatutsi gusa, bakibagira ko hari abahutu b'incabwenge nabo, vyatumye abahutu barondera gutembagaza ubutegetsi, muri Gitugutu 1965. Birabananira, ivyo bari bateguye birapfa, baca barabizira, aho abahutu bagera ku 5000 bishwe, harimwo abahutu bakomeye mu gisirikare, hamwe n'incabwenge zitari zike, na cane cane abari mu vya politike. [10]

Igisoda kimaze kubona yuko gifise ubushobozi bukwiriye, abasirikare bakuru bakuru babatutsi baca baratembagaza ubutegetsi bw'abaganwa. Colonel Micombero Micheli, arirukana abahahora, ashiraho inama nshingamateka nshasha, afashanya gutwara igihugu yiyegereza abatutsi 16 bari mu rwego rw'igihugu.intwaro yabo yarangwa n'amategeko akumirana. Bivuye ku rukurukuru rwo gufata ubutegetsi ku nguvu, mu mwaka wa 1969, abahutu batari bake baciye bakurwa mu nzego za reta, abandi bakicwa bagirizwa ibintu bidafashe. [11]
 



© Burundi Voices Project, 2006.