English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"'Ni wewe makambira ubika abatutsi mu nzu, vyiza twokwicira hamwe nabo!' Ca gipanga ndacagifise, muko mumutema, nanje ndabatema, canke muranyica."
Makangira Varisito, Sindimwo Yozefu na Ntiranyibagira Paul (Ibikurikira.)

Varisito: Haheze akanya Yozefu ambwira ati: "reka tugende simpave mfira hano mu nzu iwawe!"

Yozefu: Ndaheza ndamubwira nti: "mushinganta, ndabona yuko wagize umutima w'ikigongwe, wakoze, ariko jewe ko navuye amaraso menshi, ndashobora guhwera, nk'ubu mfuye abanje bazovuga yuko ari wewe wanyishe, kuko nturonka aho umpamba. Nti reka wewe ndagukize ko nawe wankijije, ejo abantu ntibaze bakwagirize ko uri umwicanyi."

Varisito: Nca ndamubwira nti: "banza urindire isaha zitanu z'ijoro, turabe yuko boba baryamye." Tugeze isaha zitanu, ndamurambikako uburengeti, ndamwambitse uburengeti, aba ni muremure, ndatinya yuko abicanyi baheva bamumenya, nca ndamuherekeza. Tugeze imbere, ngo ngabo, "niwewe Makambira ubika abatutsi mu nzu, vyiza twokwicira hamwe nabo!" Ca gipanga ndacagifise nti: "muko mumutema naje ndabatema, canke muranyica." Duca turiruka na we, turamwirukana, Leonidas ajabuka hakurya y'umuferege, aja no kw'izone, uko niko vyagenze.

Ngarutse, barankubita, bampora ngo nanyegeje abatutsi. Ndasaba imbabazi, baca barandeka. ariko, bambwira yuko nzovyishura. Bukeye bwaho, ngenda mwisoko, ndahahurira nabatutsi benshi. Bambonye, bansororera vyeri, banshimira yuko nakijije bene wabo, banyifuriza imigisha. Umusi ukurikira, patiri araza kuduhezagira, kumwe nabo nakijije.

Muri nya mwanya, abagizi ba nabi, baraje kunyiba utwanje twose mu nzu, baranankubita, aha ku mubiri nuzuranye ibikomere.ariko, ntibanyishe, bantwaye amafaranga agera ku 600.000 Fbu, nari mfise kuri jewe. Ntibigeze bagaruka.
 



© Burundi Voices Project, 2006.