English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 

 
Makangira Varisito
 
"Akimbona, yaciye ambaza ati: 'niwewe bagomba bice?', nti 'ego'. Aca anshikana neza mu nzu iwe, ahitana umupanga wiwe ati: 'uwukwica abanza jewe!'"
Makangira Varisito, Sindimwo Yozefu na Ntiranyibagira Paul
Varisito yakijije Yozefu na Paul mu gihe c'amagume.Yarakejwe mu birori vyabereye muri Komine Kinama mu kwezi kwa Ndamukiza 2006 aho yatuganirira uko vyagenze.

Yozefu: Bamaze kwica umukuru w'igihugu melchiori Ndadaye, abatutsi bo mu Kinama bari bageramiwe, vyari ibihe bibi cane. Hari akagwi kabahutu bitwaje ibigwanisho bari bantegereye mu nzira, ndiko ntaha i muhira. Bavuga ngo bategerezwa kwica zina mututsi wese ari mu Kinama.hari nko mu gihe c'isaha imwe n'igice zo ku mugoroba, barampagarika, babanza kunkura ibirato, batangura kunkubita.niho baca batangura nokwica abatutsi nk'isaha zine z'ijoro, barankubita, ngo banteramireko, kugeza sayine yijoro igere. Jewe nakize kubera bamfashe hakiri kare, bari bakirindiriye iyo sayine, ngo batangure ubwicanyi.Ubwo nyene nza mbona imodokari ivuye kwibarabara ryo ku Muzinda. Abo bagomba banyice, uwo muduga ubaha amatara maremare, baca barandeka, ndiko ndavirirana nsa n'uwapfuye.

nari nakomeretse cane, mva amaraso, nibaza yuko nari guheva mpfa. Nca ndagenda, nshikiriye umubanyi umwe w'umututsi, agira ubwoba ambonye, aca aratabaza kugira abasoda baheve baza kudutabara avuza sirene. Kuko naguma mva amaraso, nagumye mbandanya, ngo ndabe ko atawontabara ngo amfashe. Aho abahutu bumviye inkengeri yo gutabaza abasoda, baca baraza kuri uwo muhana aho ku mubanyi, nca nirambika mu muferege, bibaza ngo napfuye, binjira m nzu iwe. Basanga yamaze kugenda kubwira abasirikare kuri zone, yuko banyishe. Bamwe muri ako kagwi barashaka ngo bice umugore wiwe yari aho mu nzu, ariko abandi bibaza ko atari vyiza, kuko babona ko nibamwica, abasoda baca babashwaramwo nano bakabica.

Mu nyuma barafata umututsi w'umutama, se wa wamuhumgu yaja gutabaza abasoda, baramukerera baramwica. Abasoda baba barashitse rero baca batana mu mitwe, bararasana, ka kagwi kariruka, haca haba agacerere. Ndavyuka buke buke, ninjira mu nzu kwa Evariste. Sinomenya ingene Imana yankoreyemwo ikanyereka iwe.

Varisito: Tuza twumva induru, umugore wanje ambwira ati: "hari ikibaye hano hafi yacu!" Turavyuka, tuja hanze kuraba, dusanga ni Yozefu, mbwira umugore ngo tumwinjize mu nzu, yari yakomeretse kumavi no mumaso, ava amaraso.

Yozefu: Akimbona, yaciye ambaza ati: "niwewe bagomba bice?" nti "ego". Aca anshikana neza mu nzu iwe, ahitana umupanga wiwe ati: "uwukwica abanza jewe!" Aca aramvura, anshirako udupeniciline ku bikomere yanje.
 



© Burundi Voices Project, 2006.