English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Nabona abo bantu ataco bazira, bahorwa ko ari abatutsi. Bahorwa ko bishe ndadaye. None ko abamwishe bari abatutsi, abatutsi bose rero babahonye?"
Makangira Varisito, Sindimwo Yozefu na Ntiranyibagira Paul (Ibikurikira.)

Ikibazo: Ni kubera iki wahisemwo kubakiza?
Varisito: Ni abantu nkanje, none si ibiremwa? Imana yavuze iti mwese muri bamwe mukundane, dufise ibikoba vyirabura twese, ariko imitima mibi mu bantu urabona ko idahera, ni uko bigenda; kuko ntawudakiza uwundi kwisi, Imana niyo mugabo yadufatanishije mu kubakiza, iyo itaba Imana, na jewe simba mvuga, naje bari kuba banyishe; Imana irakinga naje indwi yose bandondera ngo bankureho babanzize. Bihera ngaho gushika aho bandeka, kugeza n'ubu.

Ikibazo: None abo bantu wakijije wari usanzwe ubazi?
Varisito: Oya ntabo nari nzi.

Ikibazo: None wewe ni kuki wakijije abantu utanazi kandi wari gushobora kuhasiga ubuzima?
Varisito: None ko ntafise uwo mutima wo kwica, umutima wo kwica hari uwigikoko, n'uwumuntu.nabantu nabona ataco bazira, bakabihorana, nti kandi abo bapfa bose, bahorwa ngo bishe Ndadaye. None ko abamwishe ari abatutsi, bose nabo babahonye rero? Nanje nti none bava ngaho mu Kizungu bavuye mu Kinama kwica umukuru w'igihugu, wumva ivyo bishoboka? Uwuri mu Buhonga, uwuri mu Rumonge, uwuri ahandi hose, bari babizi? Nti nimubireke, bazovyimenyera bo nyene niko nababarira.

Ikibazo: Ntiwigera wibaza yuko abo bicanyi boguhindukirira nawe, aho kwica abatutsi bagahera kuri wewe? Varisito: Ego cane, baragerageje kunyica, ariko Imana irakinga. Ntaco nabaye.

Ikibazo: Wakijije abantu bangahe?
Varisito: Bose hamwe bari cumi.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.