English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 


Hagati ya Ntwarante 1994, na Ntwarante 1998, aho muri ico kizu atakintu na kimwe co kubaho kirimwo, niho abantu barenga 2000 bahungiye bava mu yindi micungararo, baba abahutu canke abatutsi baza bahunga ingwano iri iwabo.

Guhindura imbiga z'ingoma
Abavuzi b'ingoma bariko baritegurira urugendo, barahindura imbiga y'ingoma. Nkuko Slachmuijlder Lena abivuga, Ingoma mu Bururndi zifise ururhara runini muri kahise k'igihugu, no mu mico kama. Kuva mbere, ingoma bazivuza mubirori vy'i bwami, nk'igihe co kumuganuro. Amajambo menshi yo mu kirundi, aremeza insiguro ijanye n'imico kama. Ijambo ingoma, rirerekana kandi ikibanza n'ubutegetsi, niho mwumva ngo umwami ari ku ngoma; ingoma munani zifise uruhara ruhambaye muri kahise, zirafise amazina, kandi izina ryose rirafise ico risigura. Hariho amajambo asigura igice kimwe kimwe c'ingoma, usanga ajanye n'irondoka. Nkuko Lena abandanya abivuga, "urukoba rw'ingoma rumeze nk'icaahi c'uruyoya, turya duti duto duto dushinzeko natwo ni amakomo y'amabere y'umuvyeyi, nayo ingoma yose ni umushishito, umukondo naho ni harya haja hasi". [101]

Uno musi rero urusato rw'inka rukimota inka, rwashizweko, imbiga za kera zakuweho, amakomo y'amabere bahahinduye, bashiraho mashasha, bakoresha ubuhinga bwabo.

Abanyaruciteme, bariko barimenyereza hanze, nca ninjira indani mu nzu kuraba aho barara mu gihe c'amagume; Mu Buyenzi niho honyene abantu badasangiye ubwoko bagumye bidegemvya atawuriye urwara uwundi. Hagati ya Ntwarante 1994, na Ntwarante 1998, aho muri ico kizu atakintu na kimwe co kubaho kirimwo, niho abantu barenga 2000 bahungiye bava mu yindi micungararo, baba abahutu canke abatutsi baza bahunga ingwano iri iwabo. [102] Sinashobora kumva ingene abantu benshi nkabo bashoboye kuba aho hantu hato gurtyo.
 



© Burundi Voices Project, 2006.