English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 


Evariste yarabahagaritse, arababuza gukora amaraso, avuga ati: "niyaba ari umuntu yabuze akwiriye kwihora ni jewe." Yaranyegeje abatutsi, aragira ukwo ashoboye, abashira ahantu hatekanye. mu nyuma niho yahigwa nawe ngo yicwe.

I Gitega, hagati mu Burundi
Bukeye mu gitondo, dusubira ha hantu mu giswahili, aho twasanga bateguye bibereye ivyo dufungura. Abavuzi b'ingoma bari banezerewe, gufata udufungurwa two mu gitondo dukwiye. Nari mpagaze hanze, nza mbona abantu bashengereye, aho abasirikare b'igihugu, b'abapolisi babiri, bafashe abana batanu bafise imyaka nka 15, bababoshe. Sinashoboye kubaza ivyo ari vyo, ariko muri ico gihe vyaravugwa yuko reta ifata abana bakorana n'umurwi ukigwana Palipehutu [FNL]. [103]   Ivyo rero ni ihonyangwa ry'amasezerano mpuzamakungu y'agateka k'abana.baca barabajana. Natwe rero duca dutangura ibirori vyacu.

Ibirori twabigiriye, kukibuga kinini, aho bita kuri "place", iruhande y'amazu yo kubacoloni, ubu arimwo ihayanishwa ry'akaranga ka ka kera, na sentare.aho naho twabifashijwemwo na Ndabaniwe Evariste, umwe mu nkingi z'ubuntu, afise imyaka irenga gato 40. Evariste ni muvyara w'umuhisi Melchior Ndadaye, yishwe muri 1993, aho ubwicanyi bw'amoko bwaca bukurikira. Muri nya gihe c'urwimo, evariste yakora kuri Bragita, ihinguriro ry'ibinyobwa i Gitega nyene.Igihe igitero c'abahutu baje gutera abatutsi aho muri nya hinguriro, Evariste yarabahagaritse, arababuza gukora amaraso, avuga ati: "niyaba ari umuntu yabuze akwiriye kwihora ni jewe." Yaranyegeje abatutsi, aragira ukwo ashoboye, abashira ahantu hatekanye. mu nyuma niho yahigwa nawe ngo yicwe.

Evariste ahejeje gushinga intahe, aca ahereza micro Mama Nestori. Umubikira avuga yitonze, umengo biramugoye. uwitw Nsabimana Nelson arakurikira afata ijambo, uyo ni umwe mu bo mama Nestori yakijije, umwana wiwe akiri muto w'umukobwa, yariko arakina mu twatsi iruhande ya nyina.
 

Guhera i bubamfu hejuru: Ndabaniwe Evariste, Mama Nestori, Nsabimana Nelsoni, n'umwana wiwe


© Burundi Voices Project, 2006.