English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije


 
 
Mama Nestori
 
"Umusi umwe, akagwi k'abatutsi bitwaje ibirwanisho baraza kwica abahutu, bari bafise imigano, n'amacumu. Musenyeri Ruhuna arabahagarika, ababuza gukora iryo bara, baca baragenda."
Maman Nestori, Rosa na Nsabimana Nelsoni
Mu gihe c'urwimo Mama Nestori yanyageje Rosa, umugabo wa Rosa ariwe Nsabimana Nelsoni, nabandi bahutu, n'abatutsi batari bake. yarakejwe mu birori vyo gukeza inkingi vyabereye mu ntara ya Gitega muri Ndamukiza umwaka wa 2006.

Mu nyuma nya musi nyene, duhura na Rosa na Nelson tugiye kuraba mama Nestori mu gipatiri, ninaho bagumye baranatuganirira nabo nyene ingene vyagenze.

Mama Nestori yari aturindiririye mu rupangu rwinjira mu rusengero. Akavura kariko karagwa ari kenshi, turinjira mwisengero ducereje. Turafata icicaro, maziari atangura gutegura ibikoresho vyo gufata amasanamu. Mama Nestori yasa nuwurushe, vyaraboneka ko atifuza ko tuganira. Kwibuka ivyabaye, muri nya kibanza nyene, vyaca bimwibutsa, ibihe bigoye baciyemwo, ntivyorohera bose kubisubiramwo ngo umuntu abivuge. Amajambo yavuga, nta kwishima canke kwishira hejuru vyarimwo. Nelsoni na Rosa, bicara inyuma yiwe mu gihe yariko ara tuganirira. Ahejeje, Maziari yaciye yitegura kubaza ba Nsabimana nabo. Mama Nestori aca aja imbere mwisengero kwa rutari, arapfukama, arasenga mu gacerere.

Maman Nestori: Ndi mu muryango wa Bene Bernadeta, muri Archidioseze ya Gitega.

Igihe umukuru w'igihugu Ndadaye Melchiori agandaguwe, abahutu batangura kwica abatutsi. Abatutsi bamwe bamwe baraza gusaba ubuhungiro hano muri archeveche. Abo nibo bantu bambere nazanye hano. hari abo wasanga bakomeretse, nkaca ndabatwara kwa muganga.

Haragera igihe, abatutsi bagomba kwihora, batangura kwica abahutu. Ndi mu nzira ntaha i muhira, mpura n'abahutu bakomeretse, ndabatwara kwa muganga, ariko ntivyashoboka ko bivuriza hamwe n'abatutsi. Bamwe nca ndabatwara i Kibuye, abandi muri archeveche i Gitega, kuko hariyo umuganga w'umubirigikazi.

Umusi umwe, akagwi k'abatutsi bitwaje ibirwanisho baraza kwica abahutu, bari bafise imigano, n'amacumu. Musenyeri Ruhuna arabahagarika, ababuza gukora iryo bara, baca baragenda.
 



© Burundi Voices Project, 2006.