English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
Rosa na Nsabimana Nelsoni
 
"Niho abasoda baza bari muma blinde, batangura kwica abanyagihugu. Wamengo bataye umutwe."
Maman Nestori, Rosa na Nsabimana Nelsoni
(Ibikurikira.)

Mu gihe udatahura ko ubuzima butangwa n'Imana, kandi buzoyisubirako, uba umeze nkigikoko. umuntu abwirizwa kuba umukristu, akagira ukwizera, umukristu afise urukundo ku bandi.

Ikibazo: Hariho abapatiri n'ababikira, bagize uruhara mu bwicanyi, ivyo ubisigura gute?
Maman Nestor: Sinshobora no kuvyiyumvira ingene bibaho, ninaco gituma ntashobora kubisigura.sinshobora kwibaza ingene umuntu yihebeye Imana ashobora kwica abandi.nivyaba vyarabaye ahandi, Imana ibaharire, ibahe no guhinduka.

Rosa: Muri nya gihe twari dufise ubwoba. Imana yacu Mama nestori aca araza gutora abantu mu mazu yabo. Imodokari yiwe yari ntonya, ntiyashobora gutwara abantu benshi, ariko yaragira uko ashoboye agatwara abatari bake mu mwanya umwe. Atangura gutwara abagabo, kuko nibo bagomba kwicwa ubwambere, munyuma aragaruka gutora abagore.twari twihinduye, hamwe n'abana bacu.twari twiyambitse imitamana idupfuka mu maso, y'amabara. Uko niko twashobora kurengana tutiyerekanye. Aho rero, duca turashikira abagabo bacu bari binyegeje muri eveche aho mama Nestori yari yabatwaye. Hari abantu benshi, bamwe mbere bari bakomeretse, abandi impuzu zabo zari zuzuyeko amaraso.duca tuguma aho amezi arenga abiri.

Ikibazo: Mama Nestori yabakijije gute?
Rosa: Yaradukijije koko. Kandi nabandi batari bake. Mu nyuma arabona yuko ashobora no kuja gukura abandi mu mihana kugira ngo ntibabicireyo. Yagize ingendo nyinshi nimodokari yiwe, agenda agaruka, azana abantu, harimwo n'abakomeretse. Yatanguye abagabo, jewe naje n'amaguru n'abandi bagore bake, aca aradushira hamwe nabacu bari binyegeje, ahantu hatekanye.

Nelsoni: Hano i Gitega, nta ngwano yabaye nkuko nobivuga, kuko abanyagihugu ntibicanye hagati yabo, batanguye gucanamwo igihe abasirikare babigiyemwo. Twiruka duhunga turi mu migwi, niho abasoda baza bari muma blinde, batangura kwica abanyagihugu. Wamengo bataye umutwe.
 



© Burundi Voices Project, 2006.