English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Adutwaye mu modokari yiwe ntonya, yashize abagabo babiri inyuma: jewe n'uwundi umwe. araheza adupfuka ibirengeti. Vyaragaragara yuko atamenyereye gutwara imodokari."
Maman Nestori, Rosa and Nelsoni Nsabimana
(Ibikurikira.)

Ntitwumva ibidushikiye, kuko twahora tubana mu mahoro n'umutekano. Abahutu n'abatutsi twese hamwe. twagiye kumenya yuko ibintu bikomeye tugeze muri eveche. Abatutsi batemaguwe n'imipanga, abahutu nabo bacumiswe ibisu n'abasirikare. Niho naca mbona yuko ibintu bikomeye. Ariko imbere yaho, twabana mu mahoro n'umwumvikano.

Ivyo yakoze vyari igitangaza. Adutwaye mu modokari yiwe ntonya, yashize abagabo babiri inyuma: jewe n'uwundi umwe. Araheza adupfuka ibirengeti. Yyaragaragara yuko atamenyereye gutwara imodokari. Tugira dushike kuri barieri yabasoda, arasenga ngo Imana idufashe. Twari dufise ubwoba ariko kubera twari kumwe na mama nestori twari dufise ukwizera yuko dushobora gukira. Arenganye abo basoda, aca ariruhutsa.yarahatswe kuhasiga ubuzima agomba kudukiza.

Adutwara muri eveche tugumayo.twaguma dusenga, ariko tugumana ubwoba, kuko hari aho abasoda baza bagakikuza ico kibanza. Muri make yarahatswe nawe nyene, kandi yari afise n'ubwoba vyaraboneka.

Ni nkaho abantu bamwe bamwe bafise Mpwemu Yera, bakabigaragaza uburyo butandukanye. Umuntu arashobora gukoreshwa na mpwemu, akagirira iciza abandi.mu bantu bose babayeho hano kwisi abigishije urukundo mu bantu nibo bake. Ntibintangaza kubona Mama Nestori yaragize ico ciza, ariko ni ingabire iri mu bantu bakenya.
 



© Burundi Voices Project, 2006.