English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Ivyo yakoze ni akaroruhore. Ntidusangiye ubwoko, ntitwari tunamuzi mbere. ariko uravye ivyo yadukoreye, birarengeye."
Maman Nestori, Rosa and Nelsoni Nsabimana
(Ibikurikira.)

Ikibazo: Igihe cose mubonye Mama Nestori wumva umerewe gute?
Nelsoni: Tumubona nkumukiza.iyo abasoda badusanga mu kibanza twari turimwo, bari kuba batwishe ata gisivya. ntitwari gushobora guhunga, kandi ntakindi twari gushobora gukora. Twari kuba twapfuye. Ni mama wacu, ndamukesha ubuzima bwanje. Ntaco nokora kugira ndamushimire bikwiye. Kubinyerekeye, mama Nestori arahambaye gusumvya mama yamvyaye. Ivyo yakoze ni akaroruhore.ntidusangiye ubwoko, ntitwari tunamuzi mbere. Ariko uravye ivyo yadukoreye, birengeye ubwenge.

Tumubonye, tumufata nk'umvyeyi wacu, umukiza wacu. Sinoronka ivyo novuga bikwiye kuri we.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.