English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Abantu batangura kwicana mu mihana. Musenyeri Ruhuna ambwira ko vyiza noja gutabara imiryango yahezeyo, ahandi ho barabica."
Maman Nestori, Rosa na Nsabimana Nelsoni
(Ibikurikira.)

Abantu batangura kwicana mu mihana. Musenyeri Ruhuna ambwira ko vyiza noja gutabara imiryango yahezeyo, ahandi ho barabica. Ivyo vyari ukuri, ubwicanyi bwabo bwari bumaze gutangura. Naragerageje kurondera aho abo bantu bari bari, ndagenda mu mihana, ndashobora gukurayo bamwe, ariko ntivyari vyoroshe na mba.hari icuka kibi, co kwicana, bamwe ndaheza ndabazana muri eveche, abandi ndabafasha guhungira mu bihugu bibanyi, hari nabana b'impumyi bari mu kigo cabapatiri, ndabahungisha, ndabarungika i Bukirasazi.

Hariho abandi nagiye gutabara ndabasanga kure, nkabazana hano muri eveche, Naratomboye kuko ntanumwe bigeze banyicirako. Narashoboye kurengana aho hose wasanga bugarije, barandetse ndabandanya atangorane nimwe. Rimwe na rimwe, narinda gusaba uruhusha komanda, kugira nshobore kurengana, ikindi gihe nkabesha ngo mfise umukenyezi yibugenze, akeneye kubonana na muganga vyihuta, abasoda bakabona kundeka nkarengana. Abo nakijije wasanga ata nabo nzi, kiretse Varisito yahavuye aza kuba ino, hariho n'abandi mpora mbona baza kunshimira. N'ubu birashika nkaza mbona abantu ntazi baza kunshimira ko nabakijije.

Ivyo vyose nakoze, ntivyari mu bubasha bwanje, ni Imana yamfashije, nanje mbona gufasha abo bantu.

Ikibazo: Ni kuki wahisemwo gukiza abantu mudasangiye ubwoko?
Maman Nestor: Nabona ko abantu bose ari bamwe. Baremwe n'Imana imwe. Umuntu wese afise uburenganzira bwo kubaho. Sinshobora kugira amacakubiri hagati y'abantu. Bose ni abana b'Imana. Nico gituma ntashobora kurobanura ngo nkize umwe, uwundi ndamureke. Ico nemera kandi nshigikiye ni uko umuntu wese afise uburenganzira bwo kubaho. Ubonye ushobora gufasha umuntu bigire.

Ikibazo: Kubwawe wibaza yuko ari kuki abantu bashobora kwicana bahorana ubwoko?
Maman Nestor: Umuntu yanka abandi kugeza aho yumva yobica, afise impwemu mbi za satani. Mvuga nti uwo muntu ni igikoko.
 



© Burundi Voices Project, 2006.