English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"An old man of the village came and told Evariste, 'If you can do something for them, please do it quickly. They are in danger if they stay here.' Killings were being organized for that night."
Varisito Bindariye na Nkurikiye Jakeline (Ibikurikira.)

Jakeline: nagiye mbona uyu muntu aza yishimikije inkoni, kandi arwaye.

Varisito: Nsanga uyu Jakeline bari kumwe namukuru we, na muramukazi we, n'abana.

Jakeline: Haca haza umutama w'umubanyi, waho hantu nari ndi, aca avuga ati, "nimba uri n'iyo ubajana bajane ubu nyene, kuko uyu musi ntibarara, bamaze kubapangira ko babica muri rino joro nyene."

Varisito: Ndababwira ko vyiza boza tugende ahari umutekano.

Jakeline: Hanyuma rero uyu mutama aca avuga ati: "ni muce ngaha, tuze guhurira ku musozi, kugira ntibamenye ko ari je nabajanye." Turagenda kuri uyo musozi, dushikira iwe, aratuzimana, turaraho buraca.

Varisito: Mu gitondo ca kare, ndabategereza imodoka, baragenda mu Ruyigi, aho bashobora kurokoka. aho niho naruhutse ku mutima kuko nakoze ivyo nategerezwa.

Nukuri murambona, jewe ndi umuhutu, aba nabo ni abatutsi, ariko jewe kubwanje nkabona ko Imana yaturemye ari imwe. nari umumenyeshaMana, gushika ubu jakeline tubanye neza, dufise imigenderanire myiza.

Jakeline: jewe ahubwo ndamubona nkuko yoba ari umuvyeyi, kuko ico gihe sinabonye ko ari ukunkiza gusa, nabonye ko ari igitangaro Imana yagize kuko uwo musi urumvako wari uwanyuma. Jewe ku mutima wiwanje uko ndamwiyumvira, ndabona ko yagize neza kandi n'Imana yagize igitangaro.
 



© Burundi Voices Project, 2006.