English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Abasirikare babaryamika hasi, barabacumita imbugita, bane muri bo barapfa, abandi bane basigara ari ikiruruma ngaho, jewe nari mvuye mu rugo."
Varisito Bindariye na Nkurikiye Jakeline (Ibikurikira.)

Igihe kimwe abasirikare baje gutabara narahatswe, nanje baragomvye kunyica. Basanze mfise abantu babiri b'abatutsi, n'abana batatu. N'abandi bahutu nyene bari baje bahungira ku rugo i wanje. Rero bari munani bose hamwe. Babaryamika hasi, barabacumita imbugita, bane barapfa, abandi bane basigara ari ikiruruma ngaho, jewe nanje ngeze mu rugo, uwuvuye nyene gukora ico caha, araza kugira ngo anteme umupanga ngaha. Sinzi ingene Imana yaciye imbwira nca ndunama. Abandi rero bariho baca bavuga bati, "uyo mureke, ntaco azira."

Novuga ko ivyo nakoze vyose ndabikesha imana.

Ikibazo: Ni kuki witanze kugira ngo ukize abo bantu mudasangiye ubwoko?
Igituma nitanze, ni kubera nari umumenyesha Mana, turiko twiga amabwirizwa y'Imana, irya gatanu cane cane ati nitwice. None jewe nabona yuko kwica mugenzanje ata kamaro, ntaco nungukamwo, kandi jewe nabona yuko ari abavukanyi, kuko twese dusangiye umuvyeyi umwe, Imana yaturemye ni imwe. Tuva kuri Adamu na Eva umwe. nariyumvamwo yuko ata muntu nogirira nabi.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.