English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Egome uko ushobora, wewe ko ufise ikigwanisho, jewe ntaco mfise"
Varisito Bindariye na Nkurikiye Jakeline (Ibikurikira.)

Varisito: Mu nyuma yaho numva uwundi muhungu bari bagufiriye, bagomba kugirira nabi. Nca ndirukanga ndamushikira. Duhurirayo n'uwundi mwicanyi araheza ngo,

"Wewe ni amaki?" Nti: "weho ni amaki?"

Ngo "none uyu uramuzi?"

"Jewe ndamuzi"

nti egome, kandi naho ntomumenya ni ikiremwa nka jewe. Hanyuma rero araheza ngo ingo ntangure gutema wewe. Arashavura ati: "ingo ntangure gutema wewe."

Nti: "egome, uko ushobora, wewe ko ufise ikigwanisho, jewe ntaco mfise." Niyo nari kuba ndagifise, ntaco nari gukora. Aranyitegereza, aca akubita umugere hasi, aragenda. Duca turagenda twiruka na nya mwana.

Nya mwana rero, nawe nyene novuga ko aturuka aha hakurya hafi y'i Muriza, nca ndamujana iwabo ku gacimbiri. Nsanga ku gacimbiri inzu zarahiye, nca ndamugarukana, ndamushikana ngaha kw'i paruasse kwa patiri yitwa Petero. Ndamubwira ingene ibintu biri. Ati: "wagize neza, genda rero umubwire yakire isabuni yiyoge." Ndamusiga aho mu minwe ya patiri.

Ubu ageze mu mwaka w'indwi, yiga mu Rusengo, inasenge wiwe yitwa Veronika aba i Nyaburondwe, ahora ampa amakuru yiwe.

Hanyuma, n'abandi baraje, umukobwa w'uyu, yitwa Serafina Nzeyimana, hari n'uwundi kandi yitwa Patricia, baramunzanye nyene, abo bose narabategereje umuduga baraja mu Ruyigi.
 



© Burundi Voices Project, 2006.