English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
Bindariye Varisito
 
"Nari ahantu bampaye indaro, mugabo aho hantu sinari ndahamererewe neza, baguma bampiga nabo turikumwe ngo batwice."
Varisito Bindariye na Nkurikiye Jakeline
Varisito yakijije Jakeline n'abandi batutsi batari bake mu gihe c'urwimo. Yarakejwe mu birori vyabereye mu Ruyigi muri Ndamukiza, mu mwaka wa 2006 ninaho yatwiganira ingene vyagenze.

Varisito: Jewe nduga ku mutumba wa Nyaburondwe, komine Butaganzwamva, mu ntara ya Ruyigi.

Jakeline: Jewe mva mu Gikwiye, ubu nkaba ndi mw'ikambi y'impuunzi i Butaganzwa, mu ntara ya Ruyigi.

Varisito: Umusi umwe, haheze igihe gito intambara itanguye mu 1993, hariho abana baje bahunga, bagomba kujabuka bagenda kwa Maregeya Gabriel. Hanyuma barahura nabantu babagufiriza, hari kw'irembo ry'iwanje. Ndaheza nya bana ndabamenya, abo bantu nca ndababwira ntinone aba bana ugira ngo nibo boba batumye ivyo biva hariya bigashika ino? Nti abo ni mubareke.hanyuma rero bankundiye abo barabareka, nya bana nca ndabaherekeza, ndabajabukana kwa Maregeya. Uwari ahasigaye yitwa Helena Maregeya, arabakira neza. Hanyuma mu yindi misi nyina wabo ngaho nyenekwa Maregeya, ambwira ko noza kumutegereza umuduga umutwara mu Ruyigi. Ndaheza ndabigira, barashika mu Ruyigi.

Mu misi ikurikira, niho uwu mwigeme w'iwacu yari yubatse mu gikwiye, araheza araza, ashika ahantu mu babanyi b'iwacu, kugira ngo bamuhe indaro, baranka bati: "natwebwe ntidufise aho twinyegeza!" Aca arashika rero no mu rugo i wanje duca turagumana. Niho rero ngarutse kuri uwo mupfasoni yari yubatse mu Gikwiye, niho namubaza nti: "mbega Jakeline Nkurikiye n'abandi babana boba bakiri bazima?" Ati egome, ni bazima, bari ahantu hamwe binyegeje, batari ahantu hatekanye.

Jakeline: Nari ahantu bampaye indaro, mugabo aho hantu sinari ndahamererewe neza, baguma bampiga nabo turikumwe ngo batwice.

Varisito: Naho muri ico gihe nari mfise amagara make, ndaheza ndaduga nja kubarondera.
 



© Burundi Voices Project, 2006.