English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"'Mugombe mutwice muturuhure, ari ugupfa twapfuye, twasanzaye, kandi turahwereye n'inzara.'

Nawe aratwishura ati: 'mbe aho ndabica, ndabica ngo ndabarye?'"

Gahungu Pasikali na Mbunduguru Karita (Ibikurikira.)

Babica nyene n'imipanga n'ubuhiri, bakabica nka kurya bakubita inzoka. Gushika bagapfa. Ndibuka ingene bishe ba data wacu, bari bavuye gufubisha umuntu yapfuye, baca ahantu kwivuna akanyota, mu kirabo, ntibahasohotse. Baciye babatsinda aho nyene.jewe nagize Imana mbona Imana iranshimbishije, kuri uwo mutumba, wa kiyabu.nca nza guhungira i Muriza, nsanga naho abantu bariko barahona, abakozi ba reta bose bakora ngaha bariko baratikiira, nca nsubiza mu kabande, inzara iratwica.

Ubwenge bwari bwamaze kuzimira mu mutwe, urabona uriko urahungana ibibondo, bamwe barira, abandi bagirante, umutima w'umuvyeyi uba watungutse, wamaze kuvamwo. Nta dufungurwa twashobora kuronka, abana barya urushanga rwo mu mwonga, arinarwo nabahereza kugira ngo bahembuke, inzara yagomba kutwica. Ndabwira abana nti ari ugupfa twapfuye nimuze tudugire ngaha, kuri uyu muhana, uyu muntu niyashaka atwice ntakundi.

Pasikali: Nza numva ijwi ry' uyu munarugo ambwira ati: "ndengutse muri uru rugo rw'umushingantahe Pasikali ngo anduhure, ngo imisi maze ndiko ndacikana."

Karita: Ndahamagara nti: "hemwe abo kwa Gahungu, mugombe mutwice muturuhure, ari ugupfa twapfuye, twasanzaye, kandi turahwereye n'inzara." Nawe aratwishura ati: "mbe aho ndabica, ndabica ngo ndabarye?"

Pasikali: Nca mbwira umunarugo wanje, nti nyabuna raba utwo wohembuza uyu muntu, urabona ukuntu basa, nukuntu bateye.muri ico gihe batunzwe n'urushanga rwo mu mwonga, hepfo y'urugo rw'iwanje, ariko jewe ntazi yuko ariyo bari, ntazi na kimwe. Umunarugo wanje agenda mu nzu ahitana udutoke yari yarabitse twamaganda, arabafungurira.aca aja ku ruvundo rw'urutoke, rutari bwakanywe, arabahereza, abahereza imihwi.

Ico nanje nakora, cari ico kuja ndaraba gusa yuko hari abaza kubatera, muri ico kibanza barimwo. Muri ico gihe rero, numvise igitero kije, nacamera nkuwuza kugikwepesha kugira ngo ntibarwemwo, ngo bahave babantsinda mu maso.

Karita: Numva ndatekanye ndikumwe nabo. Ndamubaza nti: "none ubona twoguma ngaha?" Ati: "oya, ngaha ba bagesera boheva babasangaho, kuko urabona yuko ari kwibarabara."
 



© Burundi Voices Project, 2006.