English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 

 
Gahungu Pasikali
 
"Ntiyari azi ko batema. Bamwica gurtyo. Baramutemaguye."
Gahungu Pasikali na Mbunduguru Karita
Pasikali yarakijije Karita n'abana biwe bane mu gihe c'urwimo. yarakejwe mu birori vyabereye mu Ruyigi muri Ndamukiza 2006, aho twaganira.

Pasikali: Navukiye ku mutumba Muriza, komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi.

Karita: Mva ku gacimbiri ka Kiyabu.

Abahutu bari bashavuye gose, bavuga ngo: "Uno musi mwishe umukuru w'igihugu, Ndadaye wacu, murapfa mwese abantu mwitwa imporona. Ubwoko bw'abatutsi murapfa muhone."

Twari dutunze inka nyinshi, n'abungere bazo, n'abakozi bandi.turagenda kwa mutama, ndamubwira nti, "none ko wavuze ngo izo nka zisigaye ari iziwabo, nta bubasha mugifise, ingo duhungire hamwe."

Aratubwira ati: "bane banje, ni mugende, mugire Imana, Imana ibafashe, mukire, kuko jewe ndashaje sinofata imitumba, kandi nta mwana yarezwe n'inka zanje, aza kuntema." Ntiyari azi ko batema.bamwica gurtyo. Baramutemaguye. Baragenda hose bavuga ngo: "umukuru w'igihugu mwamwishe, turabica, mpaka mupfe mwese, n'irigi mu nda turamena."

Pasikali: Habaye igihe c'isaha zitanu, abantu batangura gucanamwo, baricana, inzu zirasha, ibintu birasahurwa, inka ziratikira, vyose gushika aho nyene imicanwa, imisozi isha, hamwe ata n'ikirira usubira kwumva, amabotike arasanzara, hamwe ata nakimwe gisigara kuri uyu mutumba.

Karita: Haje igitero kinini.bari bafise imipanga, ibihiri, n'imiheto. Ubwoba bwari bwaduteye, bica umuntu wese babonye, mu muryango iwacu barabamaze babica: ba papa, mama, benewacu, basazanje bari bubatse, n'abana bavyaye, ivyo naravyibonera.

Nsigaye uku nyene, n'incuti ngirango ntanizo ngisigaranye, nsigaranye utwo twana twanje, ntushobora kwibaza ingene bibabaje gusigara uri umwe n'utwana.
 



© Burundi Voices Project, 2006.