English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Barishe abantu benshi, narabonye imivyimba y'abantu bataye mu mabarabara, mu myonga."
Gahungu Pasikali na Mbunduguru Karita (Ibikurikira.)

Pasikali: Nca ndabona ko atamahoro noronka bagumye iwanje, nca mbwira umunarugo wanje ngo arondere igiteketeke atekeremwo udufungurwa dusigaye, baza kwikorako mu nzira.

Karita: Nca ndaheka umwana wanje mu mugongo, uwumucuko arakurikira ndamufata akaboko.

Pasikali: ndarondera ukuntu nobatambutsa, ndabacisha ahandi hari agashamba, ndabaserukana kwibarabara.

Karita: Aca aturangira inzira ica inyuma y'urya musozi muremure, turagenda, duca inyuma y'umusozi, amaja hariya, dushikira aho abandi bantu bari. Turahamara imisi, hama uyu nyene araza ati, uracari ngaho, ubu umuduga w'igisoda uraje gutabara, ni muhoki muce mugenda kwibarabara. Duca turagenda, na ba bana, dushitse kwibarabara, umuduga w'igisoda uca uradutwara mu Ruyigi mu buhungiro.

Pasikali: Nca ndabona rero ndabashikanye kuri iryo barabara, baca bararonka urya muduga, baca barashobora kurokoka baja mu Ruyigi, ndiruhutsa.

Karita: Duca twururukira mu kambi y'impunzi mu Ruyigi, duca tuguma ngaho, dukira gurtyo.

Pasikali: Muri ico gihe nyene maze kubakiza, naramaze imisi merewe nabi, aho bavyumvitiye ko mukurokoka bakiriye iwanje. Bavuga ngo ndi igihemu, ngo ndi "imporona", ni ukuvuga, umunywanyi w'umugambwe w'abatutsi, bamvugako amajambo menshi.

Barishe abantu benshi, narabonye imivyimba y'abantu bataye mu mabarabara, mu myonga. kubera nari ninyegeje, sinabonye ingene babica, urabona kubera iryo zina ry'imporona, abahutu bene wacu, bari bampaye, sinashobora kuja ahabona. Nari nkigihemu nyene, ntibankunda, namabanga menshi ntibayanyereka.

Narabuze abantu benshi muri iyo ntambara, hari n'abatutsi twakorana, barapfuye, ababanyi banje, abahutu batari bake, muri bo ndibuka nk'uwitwa Ntibanyigera na Kadogo, abo ni abatutsi, hariho kandi n'abahutu babagenzi bahasigaye. Iyo ndabibutse, nca numva merewe nabi, nk 'igihe umuntu muba mwarigeze, gusangira vyose, mwarakundanye, hageze isahani ikazunguruka, uca umwibuka ukumva umerewe nabi.
 



© Burundi Voices Project, 2006.