English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Gushika ubu aracari incuti, aramfasha guha amata umuntu wincuti arwaye ikintu kimurya mu nda, iyo ngiye iwe arafise agaka gakamwa, ahora ampa agacupa k'amata. Ntaco ngira nomuha, urabona ndacari mu buhungiro, ariko ndashima gose iciza Pasikali yankoreye."
Gahungu Pasikali na Mbunduguru Karita (Ibikurikira.)

Karita: Abana banje ubu barakuze, umwe ageze mu w' icumi, i Karusi, uwundi yiga ma wa gatandatu, mu Ruyigi, agakuru kabo rero kararonse umugore, none abo bandi niho base indaro.

Pasikali: Abana biwe ubu barakuze, bageze mu mashure yisumbuye, bafashwa na "Maison Shalom" mu Ruyigi.

Karita: Abicanyi benshi baciye bahungira muri Tanzania, umuntu atagira ico yiyagirirza niwe gusa yagumye ino.

Abatutsi bishwe bazira igandagurwa ry'umukuru w'igihugu. Barica n'uruyoya, bakarufata bakaruryamika kuri nyina wabo, nyina bagatema, uruyoya bakazungagiza gurtya, bakamena kuri nyina. Ibiziga baterera mu binogo, barakwega bagatwara, bakimba nkahantu bahora babazira, bagahambirako. No ku gipatiri, haguye abantu benshi, barahubakiye n'ukuhubakira, ahantu muri zone Mugege naho, begeranije amagufa, nibihanga vyabo, nubu niho bikiri.

Ndashimira cane Pasikali, gushika ubu aracari incuti, aramfasha guha amata umuntu wincuti arwaye ikintu kimurya mu nda, iyo ngiye iwe arafise agaka gakamwa, ahora ampa agacupa k'amata. Ntaco ngira nomuha, urabona ndacari mu buhungiro, ariko ndashima gose iciza Pasikali yankoreye.

Ikibazo: Kubera iki wemeye kwitanga ngo ukize abo bantu?
Pasikali: Jewe novuga yuko ari Imana yamfashije, ngo ndabarokore. Muri ico gihe, bahirahiriye ngo bumve yuko ari wewe woba wakingiye ikibaba nawewe muri ico gihe waca ujamwo, kuko emwe, bari ibikoko nyene bahirahiye ngo bumveko ngo wahaye n'akajumbu umwe muri abo, waba usezeye isi. None rero mutima mweranda yaramfashije ndashobora kubarokora.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.