English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Bari bamutanze. Urumva bari bamutumye ibiyeri, batamuhaye amahera, batamuhaye nikaziye. Bagomba ngo bamwicishe."
Ntaconzobimanitandekuye Cyprienne, Nahimana Yozefu na Ndenzako Pasikali (Ibikurikira.)

Cyprienne: Ndabinginga nti ntimusubire kumukubita, nti harya musinzikaza umubiri w'umuntu namwe niko bazobasinzikariza rwanyu. Ndashwana rwose.

Yozefu: Bazana agafuni, ngo bankubite, bazanye agafuni, aca agira ati, "banza mureke gatoyi, ntimumwice!"

Cyprienne: Hama rero ndafata ndagenda hepfo guhamagara abasoda, nti ingo yemwe muntabare, nti hariho umwana bariko barica! Baca baraza, baranfasha rero nca ndamurwanira, ndamujana i muhira, ndamuha utwo afungura; nca ndamujana kunyereka aho yakora.

Yozefu: Bukeye mu gitondo, uyu mupfasoni Cyprienne yarabajije aho mba, nza mbona mbona mu gitondo araje.

Cyprienne: Bari bamutanze. Urumva bari bamutumye ibiyeri, batamuhaye amahera, batamuhaye nikaziye. Bagomba ngo bamwicishe.

Yozefu: "Murashobora kurungika umuntu hariya ku Musaga, kandi mubona uko ibintu bimeze?" Ariko abaza umu patoro wanje. Nawe ati "ivyo ni ibiki?" Jewe nari nahoze, ntavyo nari navuze. Ngo "urabona ejo, Yozefu bari bagomba bamwice. Kuja murarungika umuntu kurya kabiri, ngo ni uko ata ticket yamanutseko mwamuhaye. Ngo ntaze asubireyo!"

Ivyo ndabibona gurtyo rero niko vyagenze.

Ahubwo jewe sinzi uko nomushimira, ni ukuri, ahubwo naha hose mpagaze ni kubera we, simba nkiriho.
 



© Burundi Voices Project, 2006.