English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Hanyuma niho badufata, baratwicarika ahantu, batwicaritse, baca baratuboha twese, amakinga twari dufise barayatwaka."
Ntaconzobimanitandekuye Cyprienne, Nahimana Yozefu na Ndenzako Pasikali (Ibikurikira.)

Cyprienne: Naje narahatswe kuhasiga ubuzima. Uwo Imana irampa ararokoka.

Uyu nawe Pasikali yari avuye ahantu mu Gatumba azanye ibitoke ku muntu twabana.

Pasikali: Harageze igihe nari umudandaza w'ibitoke, hanyuma naba mu Gatumba, umudamu umwe yari yadutumye twe nuwundi mugabo ibitoke, ku Musaga, ahantu kurya mbere. Tuje turashikana imizigo, hama araduha amafaranga make make, ayandi atubwira yuko tuzogaruka kuyatora. Kumbe, ntitwamenya yuko yatugurishije, tuja kubimenya ari uko dufashwe. Hanyuma niho badufata, baratwicarika ahantu, batwicaritse, baca baratuboha twese, amakinga twari dufise barayatwaka.

Turahora. Baca baratwubikisha inda, bagira batangure kudukubita, turagira tuti: "ni mudusope, ngaha turafise amahera, mureke kudukubita, muturekure twigire. Mwashaka nayo makinga turayaheba. "Hanyuma rero baravyanka, baguma badukubita.haciye nkiminota, Cyprienne aca araza.

Yariko arataha yirenganira, hanyuma duca turamuhamagara. Aca araza aje ati, "oya, ntimugerageze kubica, abo bantu ni mubareke, ntaco mubahora!" Tuti natwe twarondeye ico baduhora twabuze. Bigeze aho uyu baca bashaka kumukubita amakofe. Nayo twebwe twari twatimvye, turemvye cane. Hanyuma rero, uyu aca aradusambira, ngo baturekure, aca aratujana mu nzu iwe atwugaranirayo. Atwugaraniyeyo, babiri baca baraza baguma badukurikirana.
 



© Burundi Voices Project, 2006.