English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
Ntaconzobimanitandekuye Cyprienne na Nahimana Yozefu
 
"Ko wanse ko tumwica, ngo wewe urapfa, nawe agende. Nawe ati, 'shaka mubigire,mugabo mubanze kunyica, muze kumwica mubanje jewe.'"
Ntaconzobimanitandekuye Cyprienne, Nahimana Yozefu na Ndenzako Pasikali
Cyprienne yakijije Yozefu na Pasikali mu gihe c'urwimo. Cyprienne yarakejwe mu birori vyabereye mu Kinama, muri Ndamukiza 2006, aho twaganira.

Yozefu: Ico gihe c'urwimo nakora ahantu ku mu patoro, niho rero mabuja waho yaza ati: "Yozefu genda undabire ko ibiyeri vyaje hariya kwa kabwa." Aho rero nta mafaranga ampaye, nta nikaziye ampaye. Ndagenda, nshitse ahantu kurya kabiri, mbona abantu bahagaze, barundanye. Nza numva ngo: "we sha, ngo ngo hano." Ndagenda, bambwira ngo nzane karangamuntu, nti jewe karangamuntu ntako mfise. Ngo "wewe mbega urazi ivyabaye kare?", nti "je ntavyo nzi." Ngo, "zana grenade ngaho"; nti "ntayo nzi nukuntu isa." Ngo sha, "genda uzane isuka hariya ico twigirira." Aho aca aragenda arimba ikinogo, ngo "mu minota 15 iki kinogo kize kuba cuzuye." Aho ndicaye ngaho ndarindiriye. Ngo hasigaye ingahe? Ngo iminota igira ihere ngo hasigaye iminota cumi gusa. Baca bafata umukozi baramugerera kugira bafashanye, bagire ningoga. Hama ngo "hasigaye ingahe? Hasigaye iminota itanu, urumva cumi yakwiye." Nza mbona uyu mupfasoni araje.

Cyprienne: Nari mperekeje umuntu avuye muhira, nza mbona hepfo yibarabara, ahantu hari akarwi. Ndaraba mbona bariko barakubita Yozefu. Bamukubita kandi ari hagati mu mihana, nta numwe yagize ati tugende dutabare urya muntu. Nca ndagenda nti emwe, "ivyo muriko muragira ni ibiki?"

Yozefu: Nti "ehe bagira banyice!" Ngo "bakwicira iki, hari ico wakoze?" Ndahora. Baramubaza ngo "mupfaso, ico gihungu urakizi?" Nawe ati "jewe nta nahamwe ndamuzi, mugabo ni umuntu nkanje, geza aho reka reka ntimumwice!" Ngo aho uvuze ngo ni ageze ngaho, ngo ahubwo tuhashira wewe ko wanse ko tumwica, ngo wewe urapfa, nawe agende. Nawe ati, "shaka mubigire, mugabo mubanze kunyica, muze kumwica mubanje jewe."
 



© Burundi Voices Project, 2006.