English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
Ntaconzobimanitandekuye Cyprienne, Nahimana Yozefu na Ndenzako Pasikali (Ibikurikira.)

Pasikali: Duca turara aho.

Cyprienne: Bukeye mu gatondo, duca turabaherekeza, n'umwana w'iwanje, tubashikana kuri Cathedrale. Baca baragenda, Imana ica intera iteka gurtyo. Umuntu wese yokora iciza, ukoze iciza, Imana irakiguhembera, ukoze ikibi, naho kiragukurikirana.

Ikibazo: Ni kuki abatutsi banse abahutu kugera aho bagomba kubica?
Cyprienne: Jewe ntavyo nzi, ngira ni umuvumo. Novuga ko ari umuvumo kuko jewe naho nabakijije, jewe nanje iwacu bari barabamaze bose, ariko nagize urukundo rw'Imana. Sinogira uko bagize. Atari jewe nsigaye mu muryango nta n'umuntu numwe asigaye. Ariko nagize urukundo ndabakiza, kuko gusesa amaraso, harya nta nico vyinjiza, ntanico bikora. Kuko nabonye yuko, tuva amaraso amwe, turi abana b'Imana twese.

Ikibazo: None wewe ubwambere abo bantu wari usanzwe ubazi canke niho wari ukibabona?
Cyprienne: Niho nari nkibabona, urya yari uwo mu Gatumba, uwo naweyaba hirya kuri station ya Musaga, nanje nkaba mba kurya mbere.

Ikibazo: Vyagenze gute ngo ukize abo bantu kandi uzi nawe kumbure abo musangiye ubwoko bari guheva baguhindukirira?
Cyprienne: Naravyemeye, naho bari kunyica nari nabisavye Imana nti jewe, aba bantu ndabakiza, nta ngorane, ndashaka mpfe kuko ubwaje buzoba bwageze.

Ikibazo: Wibaza ko ari kubera iki ata barundi benshi, bagize umutima nk'uwuwo mupfasoni ngo bakizwe abo badasangiye ubwoko?
Pasikali: Nibaza yuko ari amashetani, yabinjiramwo. Nkumuntu atiyumviriye gukiza uwundi, abibona, nibaza ko ari shetani, yoba yamufashe.nkabiyumvira gukiza abandi, abo Imana baracari kumwe. Turashimira Imana kugeza ubu.baze bagumane umutima wo gukiza abandi, nuw'urukundo.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.