English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Umuntu yavutse ngo apfe, nimba Imana yandanganiye ko mpfa, ndapfa, nti kandi nzoba ndiko ndazira ubusa."
Ntaconzobimanitandekuye Cyprienne, Nahimana Yozefu na Ndenzako Pasikali (Ibikurikira.)

Cyprienne: Nari hanze imbere y'inzu, nza mbona ba bagabo baraje bati ba bagabo bazanye ibitoke baroye he? Nti "amaguru abakundiye, ubu barashitse hirya kuri Cathedrale." Ngo "ntabari ngaho mu nzu?nti oya ni ukuri ntabari ngaha mu nzu". Hariho inzu inyuma yugaye, niyo bari n'amakinga yabo. Hanyuma ngo "aha twobomora ngaha ntitwobasangayo?" Nti "oya nukuri iyo nzu irapanzwe, na nyene yo ari kukazi, naho mwobomora, ntawemusangayo.

Pasikali nuwo barikumwe, ubwoba bwari bwabishe.ndabwira abo bicanyi nti "je ndagiye, iyo nzu muyibomore atariho ndi, hakagira ikigenda nabi, bizobakurikirana, ntimubone ngo mwabaye ibikoko, ubu umenga mwabaye ibinyamaswa, kandi muri abantu, nti aho nta nisoni bibatera?" Nca ndagenda, inyuma, ndiyicarira. Batevye rero, uyu mugabo, nimba yari akuze muri bo, (aho bari bafise iki? umupanga, amacumu, ibibugita vyaka umuriro) araheza arambwira ngo wewe utabasokoroye, duca tuhashira wewe. Nyamba ari uwari yababonye, aho binjira, yababwiye ati niho bari, ngo utabasokoroye, duca tuhashira, wewe. Nti "gomba muhanshire, umuntu yavutse ngo apfe, nimba Imana yandanganiye ko mpfa, ndapfa, nti kandi nzoba ndiko ndazira ubusa."

Pasikali: Duca tuguma mu nzu iwe, turatekereza. Ntababesha, uwo musi hari mukwicumi, itariki zishika 8, ndacahibuka. Bica bigarukira ngaho, rero, duca turaja ngaho, muri iyo nzu turatekereza. Ariko ntitworohewe muri uyo mwanya, twagumanye ubwoba cane, baca baraterako amabuye, ku madirisha, rimwe ririnjirangaha, ndafise n'inkovu, haca harakomereka. Nca ndicara, ariko ntibambonye, kare nari nagumye mpagaze.

Cyprienne: Hanyuma rero batevye baragenda. Nca ndarondera utwokurya, ncisha mwidirisha, inyuma, ngo ntihagire uwubona ko ndiko ndabaha indya. Barafungura, nabo ubwoba bwari bwabishe nyene bwabatekeye.
 



© Burundi Voices Project, 2006.