English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Nari numiye musi y'igitanda, ka kana nakazibije ibere kugira ngo ntikarire. Babona nyene ko atariho ndi baca barataha".
Mahwera Georgeta na Nzeyimana Ana Maria (Ibikurikira.)

Georgeta: Bati: "urafise umututsikazi hano, wamuhungishije umukura mwisoko".

Ndarahira nti: "ntanumwe ariyo".

Ngo "uramufise nikimenyamenya, wamukuye mwisoko wamuzanye ngaha mu nzu iwawe. "Ndababarira nti, " nta ngorane jewe nta muntu mfise, nimwinjire mu nzu basi murabe, musake".

Bati "oya, uravyemeje?" Nti "jewe ndavyemeje." Baca baragenda.

Ana Maria yariko arajugumira, arira, umwana biramunanira yuko amwonsa, ndamubwira nti: "ntugire ubwoba, wewe ntaco uba guma ngaha mu nzu yanje."

Ana Maria: Mwijoro akagwi kabantu benshi baragaruka. Ntibari abo hafi mu micungararo, sinzi aho bari bavuye. Baguma ku muryango w'inzu kwa Georgeta.

Georgeta: Urumva hari ababanyi baguma badodobereza bavuga bati ari hariya mu nzu.

Ana Maria: Ndavuga nti: "uyu musi rero karabaye, ndapfuye biraheze!" Arugurura umuryango ati: "ni ibiki?" Nabo bati: "duhereze wa mututsikazi wawe wakuye mw'isoko unyegeje, ubwirizwa kumutwereka, kandi wanse tubicira hamwe."

Aravuga ati: "ni mwinjire murabe." Barinjira mu cumba kimwe babona siyo ndi, barinjira mu cumba aryamamwo, nanje nabananye n'ikibambazi musi y'igitanda, numiyeyo. Ka kana nakazibije ibere kugira ngo ntikarire. Babona nyene ko atariho ndi baca barataha.
 



© Burundi Voices Project, 2006.