English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
Gahungu Laurent
 
"Umushingamateka Gahungu Laurent wewe, yarahatswe kwicwa, igihe yari aherekeje abakenyezi bahungutse mu zabo. Niwe mugabo wenyene yatinyutse gufasha abandi gurtyo. N'abarongozi baratinya."
Mahwera Georgeta na Nzeyimana Ana Maria (Ibikurikira.)

Ana Maria: Barambaza bati: "mbega wewe uba hehe?" Nti: "mu Kinama."

Georgeta: Baciye batazira Ana Maria ngo ni "pirate", kuko ngo ntibumva ingene umututsikazi yagumye mu Kinama akagumana n'abahutu kugeza uno musi.

Twebwe hamwe n'Abaniki, twabaye mu Barundi bambere barondeye umwumvikano hagati y'abahutu n'abatutsi. mu Cibitoke, no mu Kinama. Twabaye abakenyezi ba mbere b'ijambo, mu karere kacu, nibaza mbere no muri Bujumbura nzima. Duheva tubera akarorero keza abashingantahe bacu.

Abantu benshi ntibashobora kwibaza ingene abahutu bo mu Cibitoke bahungiye mu kinama, boshobora gusubira mu Cibitoke. Canke abatutsi bo mu Kinama bahungiye mu Cibitoke, boshobora kugaruka, bagatahuka, bakabana neza mu Kinama. Umushingamateka Gahungu Laurent wewe, yarahatswe kwicwa, igihe yari aherekeje abakenyezi bahungutse mu zabo. niwe mugabo wenyene yatinyutse gufasha abandi gurtyo. N'abarongozi baratinya. Iyo hataba we, vyari kutugora kwinjira mu Cibitoke. Mu nzira twarahura n'ibiziga vyabantu usanga bazize ubusa. Abarongozi bico gihe bari bataye ukwizera kwabo. Bibaza ko ivyo turiko turakora ari impfagusa. Yuko turiko turarota. Ariko twagumijeko, kandi twaratsinze.

Ana Maria: Abantu bashigikiye ubwicanyi, bakoze ikibi. Georgeta ni umuntu ameze neza. Imana yamuhaye ingabire y'urukundo. Gushika uno musi, ndamushimira. Nubu turacari kumwe, turacabana. Niwe yankijije akansubiza mu buzima bwagomba burwe hasi.

Ikibazo: Ubonye abo bicanyi baje, wariyumvira yuko Georgeta ashobora kugukiza, canke wagira uti nawe aheva agira nk'abandi?

Ana Maria: Urabona umuntu w'umubanyi uramwizera nyene, kubera ari umubanyi, kandi musenyera ku mugozi umwe. Urabona iyo umuntu mwiriranywe mucuruza canke mukagira gute, uramwizera, nkuko nawe akwizera. Naribaza nti: "mbega yoheva anyihinduka agahava ampereza birya bimwenyi?" Ariko kubw'Imana we nyene yarambitse, anshira ku mutima, ku muzirikanyi wiwe, kugera n'ubu, ahari hose tuba turi kumwe.
 



© Burundi Voices Project, 2006.