English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 

 
Mahwera Georgeta
 
"Cari ikigwi kije kirondera abatutsi bose, boba bari mw'isoko, nkaho boba bariko bahiga ibitungwa bonigagura. Ana Maria ababonye aca aza ariruka aho ndi arambwira ati: 'Mama Erize, ubwiwanje buraheze, raba kirya kirwi kiriko kirarondera zina mututsi wese!'"
Mahwera Georgeta na Nzeyimana Ana Maria
Georgeta yakijije Ana Maria mu gihe c'urwimo.Be n'uwahoze arongoye Komine Cibitoke Gahungu Laurent, barakejwe mu birori vyabereye mu Kinama muri Ndamukiza 2006, aho twaganira.

Georgeta: Mba muri komine Kinama, nkaba ndi nyina w'abana batanu. Twadandariza hamwe na Ana maria, mwisoko, kari akazi katoroshe, tutaronse aba client bakwiye, abana bacu ntibafungura.

Urwimo rwarateye igihe bica umukuru w'igihugu Ndadaye Melchiori, ino iwacu mu Kinama harabaye urwimo rudasanzwe. Ku Musaga, abahutu nibo bicwa, nayo mu Kinama aho abahutu bari bagwiriye, abatutsi n ibo bishwe. Benshi muri bo baciye bahunga.

Ana Maria: Abo bicanyi bo mu Kinama rwari urwaruka rwahindutse nk'ibikoko. Umusi mwe baza mwisoko bafise imbugita.

Georgeta: Cari ikigwi kije kirondera abatutsi bose, boba bari mw'isoko, nkaho boba bariko bahiga ibitungwa bonigagura. Ana Maria ababonye aca aza ariruka aho ndi arambwira ati: "Mama Erize, ubwiwanje buraheze, raba kirya kirwi kiriko kirarondera zina mututsi wese!" Yari afise ubwoba bwuko bamwica. Nca ndamubwira nti: "ca ngaha tujane." sinzi ingene nagiye ndamukwepesha, ngenda ndamupfuka ibikwembe, turanyororomba, kugera dushike i muhira.

Ana Maria: Anshikanye mu nzu mbere ntiyatevye, mbere ntiyatevye yanciye anshira musi y'igitanda, nca ndagenda nyegera musi y'igitanda ngumayo. Kakana nari nataye mwisoko aja kukazana kuko numva merewe nabi. Aheva arakazana.

Ba bantu baza bamukurikiranye baramubaza bati: "Georgeta urya mututsikazi wanyegeje iwawe, umunyegereje iki? Kandi aribo bishe Ndadaye?" Uyu nawe avuga ati: "eka siwe yamwishe, igihe yapfa ntanivyo yari yiyziye murundi!" Hanyuma baramubarira bati: "muduhe", nawe ati: "jewe ntawe ndabaha, ntawuri ngaha."
 



© Burundi Voices Project, 2006.