English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
"Bari biteguye kwica zina mututsi wese, nibaza yuko iyo mpirahira nkavuga yuko Ana Maria ari umututsikazi, ntiyari gusigara niminota n'ibiri." Mahwera Georgeta na Nzeyimana Ana Maria (Ibikurikira.)

Georgeta: Turaguma ngaho ndamubwira nti, "ntusohoke", ivyo akeneye vyose akabigirira ngaho, mu nzu. Turamara imisi, ngiye mwisoko nkamwugarana, akaguma mu nzu.

Ana Maria: Haheze igihe, inkoho zica ziratangura mu Kinama, bararasa bagumizako, niho Georgeta yavuga ati: "Mama Suzane, ingo tuhafate noneho karabaye dupfa twese ubuho."

Georgeta: Nta muhutu numwe yari asigaye mu Kinama. Bose bari bahunze. Ana Maria ntiyashobora gushika mu Cibitoke aho abandi batutsi bene wabo bari bari, kuko mu nzira hari hameze nabi. Nca ndamubwira aze duhungane nta kundi, duca turagenda.

Ana Maria: Twaca mu mu Kidumbugwe, twahaca mwijoro, hariho imiceri myinshi twari twararimye, turahitana mike, turagenda no gushika mw'i Tenga. Twaharaye kabiri hoho, wamengo abahutu niyo buzuye, nta mututsi numwe yaboneka. Ndavuga nti: "aha hantu ndahagwa!" Uyu nawe yaguma andemesha.

Georgeta: Mw'i Tenga abandi bahutu bari bashavuye ngo nazanye umututsikazi. Bambaza igituma namuzanye, nanje nti si umututsikazi, navuga yuko abatutsi bose bari i Bujumbura. Ndababaza nti: "mwumva vyoshoboka yuko umututsi ahungana n'umuhutu?" Bari biteguye kwica zina mututsi wese, nibaza yuko iyo mpirahira nkavuga yuko Ana Maria ari umututsikazi, ntiyari gusigara niminota n'ibiri. Muri nya gihe umuntu yazira ubusa. Ngo kubera uva mu bwoko bubi. Ico gusa.

Ana Maria: Uwo musi indege ya gisirikare yaraje iraturasamwo amabombe, benshi muri twebwe barahasigara.

Georgeta: Ndamubwira nti: "tugiye gupfa twese." Yari afise ubwoba ariko ndamuremesha yuko atagenda wenyene, yuko turikumwe.
 



© Burundi Voices Project, 2006.