English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
"Baca banuma, bagaca baryana inzara, ngo muriko muravuga ngo aca ashira ba batutsi biwe ngo ntanakimwe muzosubira kumenya ngo aca avuga amasiri yose. Urumva rero nasa n'umuntu umengo nari igicibwa mu bantu." Mahwera Georgeta na Nzeyimana Ana Maria (Ibikurikira.)

Ikibazo: Ni kuki witanze uheba ubuzima bwawe, uja gukiza Ana Maria? Georgeta: Kugira umuntu agire umutima mwiza bivana n'ingene yiyumvamwo umuntu nkawe, kiremwamuntu. Ubonye naka amerewe nabi, ntivyokuryohera, nawe uri umuntu. Ni co gituma jewe nagize uyo mutima kuko nabona ari umukenyezi nkanje, ni nyina wabana, duhangayika hamwe, nta kibi yakoze, mu bishe Ndadaye ntarimwo, politike ntaniyo azi, nkabona rero, bagiye kumwica bamuziza ubusa.ninaco jewe catumye nitanga nkamukiza, nagize umutima w'impuhwe kubona kiremwa muntu nkanje bamwishe, nta nyungu noba ndonse.

Ikibazo: Aho umariye gukiza Ana Maria, abandi bahutu bavyakiriye gute? Georgeta: Baranyanka, mu Kinama, umuhutu wese yumvikana n'umututsi yaca yitwa umuhemu. Umuntu yarashobora kwicwa ahorwa ivyo.hari abantu bashaka kunyica, ariko narashoboye kubatoroka, imbere yuko urwimo ruhera. Imana yaramfashije none ibintu bimeze neza ubu.

Hari ababanyi banyambika ibara bakambeshera. Ubwambere bambwira ngo ndi icitso, yuko ntwara amasiri y'abahutu nkayashira abatutsi. Bagaca bavuga yuko uyu afise musazawe yari umusoda, i Muramvya bagaca bavuga yuko jewe ndi umuhabara wabo basoda. Bati: "urya musazawe yahora aza, kuko turi ababanyi twese akadutwara ahantu mu kabare, akavuga ati, mubanye neza na mushikanje, akatugurira nkagafanta, nakabrochete", bagaca bavuga bati: "urya ni umuhabara wiwe kandi urya ni icitso ni mumurabe neza. "Ndahaserutse bariko baramvuga, baca banuma, bagaca baryana inzara, ngo muriko muravuga ngo aca ashira ba batutsi biwe ngo ntanakimwe muzosubira kumenya ngo aca avuga amasiri yose. Urumva rero nasa n'umuntu umengo nari igicibwa mu bantu.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.