English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
"Abatutsi bo mu Cibitoke bamubonye baratangaye, ngo: "urahacariho?" Mahwera Georgeta na Nzeyimana Ana Maria (Ibikurikira.)

Ana Maria: Turakira muri ico gitero, duca turahafata no mu Rubirizi aho rero yagenda amburura, abana bo twari twahevye. Urumva yari yashizeko umutima jewe, abana biwe ntabo yari anezwe. Ugiyeyo mu Rubirizi, uyu niwe yaja kundangurira mu Buyenzi, akaba ansize aho, n'uwuncunze, nari nabaye umwami.

Georgeta: aho mu Rubirizi kandi barasubira kutwomora, bampora ngo nazanye umututsi. nkababwira nti: "Ana Maria ni umuhutu nkamwe, nimwamwica muzoba mwihenze." Duca turagumana, kuko iyo bitaba uko, baca bamwica.

Ana Maria: Igihe kimwe nza numva ngo bagomba kandi kungira umugambi wo kunyica. Ndamubaza nti: "Mama Erize, urazi ba bantu, bantangiye ikaziye yibiyeri ngo kubera wazanye umututsi ngaha. Mama Erize aca arahaguruka, ati: "mbega none umututsi ari ngaha nuwahe? Ati arimwo kandi twamunywereye inzoga. Nkuyo mugabo sinkimwibuka, yaragandaguwe n'umututsikazi nyene yaba mu Rubirizi, umuvyeyi amaze gukura cane.

Georgeta: Aho mu Rubirizi barasubira kandi baratwomora, tuca tujana rero na hariya ku Mubone. Inyuma y'amezi indwi twamaze mwikambi y'impunzi, duca dusubira mu Kinama.

Ana Maria: Umushinganahe Gahungu Laurent aca atangura kudusubiza hamwe.

Georgeta: Muri nya mwanya, mu Kinama hari abahutu gusa. Mu Cibitoke naho hari abatutsi gusa, harimwo nabasanzwe bahunze amakartier y'abahutu. Abakenyezi bo mu Kinama babona yuko batoba ngaho bonyene ababanyi babo babatutsi atariho bari. Duca tuba abashingantahe bo mu Kinama.abashingantahe bacu ntibabijamwo, kuko umugabo yahirahira akarondera amahoro baca bamwica.

Duca tuja hamwe tugira ishirahamwe "abaniki", dutangura guharura ingo z'abantu bataye bahunze, turabaha ikaze ngo bahunguke. Twaranagerageje kugarukana abatutsikazi bahunze bahora baba mu Kinama, Ngo bave mu Cibitoke, bagaruke mu Kinama. Dutangura guharura amazu abahutu bahevye mu Cibitoke, mu gihe baba bahunze, nayo mu Kinama abatutsi baba bahevye bahunze. Kubona Ana Maria twari kumwe, vyaramfasha kubera yaca abawira ngo batahuke nkawe. Abatutsi bo mu Cibitoke bamubonye baratangaye, ngo: "urahacariho?"
 



© Burundi Voices Project, 2006.